Friday, December 2, 2022
HomeUbutunziLeta y'uburundi ivuga ko kumenyesha amatungo y'abategetsi ko ubu ari igikorwa gikorerwa...

Leta y’uburundi ivuga ko kumenyesha amatungo y’abategetsi ko ubu ari igikorwa gikorerwa mw’ibanga.

Ariko abazwa ikibazo kijanye n’ingingo ya 95 iri mw’ibwirizwa shingiro ry’uburundi isaba abategetsi igihe binjiye mu mabanga n’igihe bayasozereye guca bamenyesha amatungo yabo, Umuvugizi wa Leta yamenyesheje ko ico gikorwa ubu gikorerwa mw’ibanga kuko kubwa Prosper Ntahorwamiye ivy’amatungo y’umuntu atari ivyo gushira ku maradiyo hamwe n’amatereviziyo. Ivyo akaba yabitangarije kuri uyu wa gatanu mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Leta cabereye mu ntara ya Kayanza.

Kuba mu myaka iheze , ivyo kwerekana amatungo abategetsi bafise vyakorerwa ku mugaragaro ariko ubu bigakorwa mw’ibanga, Umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Leta yishuye uku :« Turi mu ngendo nshasha ».
Naho biri uko, Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuwa 19 Nyakanga 2022, Uwurongoye ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta Gabriel Rufyiri yari yamenyesheje ko Leta nshasha iheruka kujaho yoca ihimiriza abayigize kwerekana amatungo bafise kugira barwanye isesagurwa ry’amatungo ya Leta hamwe n’ibiturire ndetse n’abo bubakanye bakayerekana co kimwe n’abana babo bari munsi y’imyaka 18 kuko vyagaragaye ko hariho abanyuruza amatungo ya Leta bagaca bayandika ku bana babo.

Tubibutse ko abagize Leta yahahora batigeze bakora ico gikorwa co kwerekana amatungo yabo naho Perezida Ndayishimiye yari yabitangaje mu gikorane cari cabereye mu ntara ya Karuzi mu mwaka wa 2021. Icatangaje benshi kuko ibwirizwa shingiro ry’uburundi mu ngingo ya 95 ribitomora neza, Perezida Ndayishimiye yahavuye mu nyuma yivuguruza kuvyo yari yasavye abagize Leta yiwe kuvyo kwerekana amatungo yabo, aho yamenyesheje ko yasanze ivyo yari yavuze bitameze neza kubera ko hariho abafise amatungo menshi ku buryo bomara indwi yose bayandika, akanashikiriza ko ubutunzi bw’umuntu ari ibanga ryiwe.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...