NEWS

Leta Y’Uburundi Ivuga Ko ‘Itazokorana’ na CPI Mu Matohoza.

on

Ku musi wa gatanu itariki 10 Munyonyo 2017, Leta y’Uburundi ,ibicishije ku mushikiranganji w’ubutungane, yariyamirije ingingo nshasha ya Sentare Mpanavyaha Mpuzamkungu CPI y’i La Haye mu Buholandi, aho iyo sentare yamenyesheje ku musi wa kane ko amatohoza agiye gutangura gukorwa ku mabi yakozwe mu Burundi kuva Ndamukiza 2015 gushika Gitugutu 2017. Abatavuga rumwe na leta bobo hamwe nabaharanira agateka ka zina muntu bakaba bakiranye umunezero iyo ngingo.

Aimee Laurentine Kanyana, umushikiranganji w’Ubutungane yamenyesheje ko Uburundi butazokorana na CPI, kubera ko Uburundi bwavuye muri iyo sentare. Ariko rero CPI ivuga ko igifise ububasha bwo gutohoza ku mabi yakozwe mu Burundi igihe Uburundi bwari bukiri muri CPI.

Aimee Laurentine Kanyana yavuze ati: “ Leta y’uburundi yarumvise igihuha biciye ku binyamakuru mpuzamkungu ko Sentare Mpuzamkunhgu mpanavyaha CPI yahaye ububasha abacamanza gutangura gukora amatohoza ku Burundi. Leta y’Uburundi iriyamiriza iyo ngingo kandi ikaba isubiyemwo umwiyemezo wayo ko itazokorana n’iyo sentare canke ubundi buryo ubwo ari bwo bwose bwotuma iyo Sentare ibandanya ikorera ku Butaka bw’Uburundi.

Aimee Laurentine Kanyana yabandanije amenyesha ko Uburundi butarabwa niyo ngingo nshasha ya CPI kubera ko iyo ngingo ifashwe mu gihe Uburundi butakiri muri iyo Sentare. “ Uburundi ntibuzokwigera butangura gukorana na CPI mu gushira mu ngiro ingingo iza ihonyanga Itegeko Ry’I Roma[ ryashizeho CPI] hamwe n’amategeko mpuzamkungu…iki cerekana ko ari ukugira ivya politike ibijanye n’agateka ka zina muntu, maze bikaba yo ntandaro yo guhungabanya ibihugu vya Afrika

Charles Nditije, arongoye Urunani rutavuga rumwe na Leta CNARED, akaba wewe yarakiranye urweze iyo ngingo. Nditije yamenyesheje Ikinyamakuru Reuters ati: “Inkuru nziza nuko abategetsi bo ku rwego rwo hejuru bagirizwa amabi hamwe n’ibindi vyaha bazocirwa urubanza. Ni intinzi ku Butungane Mu Burundi, ni intinzi ku bashaka ko amahoro agaruka kandi ko Uburundi bwogengwa n’amategeko”.

Recommended for you