NEWS

Leta y’Uburundi ivuga Ko Igiye Gushira Ku Mugaragaro Inyandiko Z’Ibanga Zivuga Ko Ubumwe Bwa Buraya Bwagize Uruhara Mu Guhungabanya Uburundi.

By

on

Inyuma yo gutora urwandiko ruvuga ko Ubumwe bwa Buraya bwagize uruhara mu guterera mu vy’amahera ku bahungabanya Uburundi canke mu guhungabanya Uburundi, leta y’Uburundi yamenyesheje ko n’izindi nyandiko zerekana uruhara Ubumwe bwa Buraya bwagize mu guhungabanya Uburundi zibandanya zija ahabona.

Ku bwa Phillipe Nzobonariba, Umunyabanga akongera akaba n’Umuvugizi wa leta y’Uburundi, ni umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Alain Aimé Nyamitwe yatanze iyo nkuru mu gihe hari Inama y’Abashikiranganji yabaye mu ndwi turangije.

Inama Nshikiranganji ,irongowe na Pierre Nkurunziza, yarakoranye mu ndwi iheze.

Umushikiranganji yerekanye ko inyandiko z’ibanga zerekana uruhara Ubumwe bwa Buraya mu guhungabanya Uburundi zibandanya zija ahabona uko imisi ibandanya igenda, niko Phillipe Nzobonariba yavuze ku musi wa gatanu mu Nama Nshikiranganji yari irongowe n’Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, mwitangazo ryo kwiyamiriza Ubumwe bwa Buraya ku bikorwa vyo guhungabanya Uburundi.

Nyamitwe yarerekanye ivyavuye mu kiyago yakoranye n’Ubuserukizi bw’Ubumwe bwa Buraya Mu Burundi. Inama Nshikiranganji ikaba yaramenyeshejwe ko Ubumwe Bwa Buraya bwemera ko izo nyandiko ari “ukuri”, ariko uwuserukira ubumwe bwa Buraya akaba yamenyesheje ko ugutanga uburyo mu vy’amafaranga kwakorwa mu buryo bwo gushigikira ababuranira agateka ka zina muntu( Défenseurs des Droits de l’Homme).

Ukutabona ibintu kumwe hagati ya Leta y’uburundi n’Ubumwe Bwa Buraya Kuribonekeza cane, ariko izo mpande zose zibandanya zitanako amakosa, aho ni mugihe Ubumwe bwa Buraya bwanse ko ibihano bwafatiye Uburundi bitavanwaho, abanyagihugu b’Uburundi bakabandanya bahura n’ingaruka mbi zivyo bihano mu vy’Ubutunzi n’ibindi bisata.

Recommended for you