NEWS

Leta Y’Uburundi Iriko Irakora Umubonano Na CNARED I Helsinki, Muri Finlande.

on

Kuva ejo ku musi wa mbere itariki 31 za Mukakaro 2017, hariko haraba umubonano hagati y’abanyapolitike I Helsinki ku murwa mukuru w’igihugu ca Finlande, mu buraruko bwa Buraya, bihagarikiwe n’umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana.

Mu buryo bwo kubandanya umubonano yakoranye n’abanyapolitike I kayanza, umuhuza w’Abarundi Edouard Nduwimana yakoranije abanyapolitike bahunze igihugu baba mu buhungiro bakoranira muri Finlande. Uwo mubonano ukaba wafashwe mu mugongo n’ishirahamwe ryo muri Finlande rijejwe gutatura ingorane, The Crisis Management Initiative(CMI).

Nkuko tubikesha ikinyamakuru gikorera mu Bubiligi, abanyapolitike batari bake bitavye uyo mubonano w’umuhuza w’Abarundi. Ni abakuru b’imigambwe baba hanze y’igihugu nka Frédéric BAMVUGINYUMVIRA (FRODEBU), Charles NDITIJE (UPRONA),Chovineau MUGWENGEZO (UPD), Jean MINANI (FRODEBU- Nyakuri), nuwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Léonidas HATUNGIMANA. Ku ruhande rwa CNDD-FDD, uyo mugambwe uri ku butegetsi waserukiwe na NDARUVUKANYE Déo. Nawe akaba yaherekejwe n’abashingamateka babiri. Hakaba n’abandi banyepolitike bitezwe I Helsinki ariko bakaba bataramenyekana neza.

Edouard Nduwimana, Umuhuza w’Abarundi, niwe ahagarariye uyo mubonano uriko ubera i Helsinki

Igihe yarangiza umubonano I Kayanza n’abanyapolitike, umuhuza w’Abarundi yari yabwiye abanyapolitike ko yoteguye uyu mubonano ku banyapolitike baba hanze y’igihugu. None mu vy’ukuri bariko baganira ku biki?Ntibiramenyekana neza ivyo bayagako, canke ikizoshikwako na rirya uwo mubonano uzohera itariki 2 Myandagaro 2017.

Ariko rero hari abanuganuga ko Leta y’Uburundi yoba ishaka kuyaga na CNARED kugira habe ivyo bamwe baheba(Compromis), na cane cane ko leta y’Uburundi yoba ishaka guha ibibanza mu nama Nshikiranganji bamwe mu bagize urunani CNARED kugira bagondozwe batahe, ubona ko n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikunze gufatira ku vyo abo mu runani CNARED bavuze maze hagafatwa ingingo ku gihugu c’uburundi, kuko benshi bibera I Buraya. N’ivyo kuraba iyo bija…

Recommended for you