NEWS

Leta y’Uburundi iriko ikomeza imigenderanire hagati y’Uburundi na EAC.

on

Ezechiel Nibigira, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburundi mu rugendo yagize muri Kenya yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, ariko ashimika cane ku migenderanire Uburundi bufitaniye n’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya afrika y’Ubseruko.

Nibigira akaba yamenyesheje umukuru wa Kenya, Uhuru Kenyatta, ko leta y’Uburundi ishimika cane cane ku bijanye n’Ubutunzi muri EAC.

“Turanezerewe cane ku bwawe hamwe na Kenya ku bijanye n’imfashanyo mu bijanye nokugarukaa amahoro…amahoro ubu arakwiye hose mu gihugu”,niko Ezechiel Nibigira yabwiye Uhuru kenyatta, nk’uko The Star ibishira ahabona.

Uhuru Kenyatta akaba yamenyesheje ko igihugu ca Kenya ciyemeje gukomeza imigenderanire n’ibihugu vy’akarere ka EAC kugira ngo abanyagihugu baho babeho borohewe mu vy’Ubutunzi.

Recommended for you