NEWS

Leta y’Uburundi irahakana ko ata kiza ca Malaria kihari naho bamwe baguma bahitanwa naco.

on

Leta y’Uburundi irahakana ko ata kiza ca Malaria kihari mu Burundi naho bamwe baguma bahitanwa nico kiza mu Burundi.

Umushikiranganji w’magara y’abantu, Thaddee Ndikumana, yamenyesheje ko ibiharuro vyashikirijwe na ONU ku bantu bahitanwa na Malaria mu Burundi birenze urugero.

Thadee Ndikumana wewe yamenyesheje ko Uburundi bwagumye butanga imfashanyo ku barwayi ba Malaria mu gihugu cose ku buntu.

Naho biruko, ejo ku musi wa kane hari inkuru ibabaje y’umwana yari agezweho muvyo gutwenza, Darcy, benshi batazira Kaca Man yahitanywe n’ingwara ya Malaria mu ntara ya Gitega.

ONU yoyo ivuga ko abamaze guhitanwa na Malaria mu Burundi muri uyu mwaka ari 1800, mu gihe Leta y’Uburundi yoyo imenyesha ko ari 1400.

Recommended for you