NEWS

Leta y’Uburundi iragirizwa ‘kwirukana umugwi wa ONU’ ukora amatohoza.

on

Uwuserukira Uburundi mu gihugu ca Swisse i Geneve,Renovat Tabu, ejo ku wa kabiri yari aramutse ahatwa ibibazo na wa mugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu ariwo UN Human Rights Council ku bijanye nuko Uburundi budashaka gukorana mu buryo bwuzuye nawo.

Uwurongoye uwo mugwi Kate Gilmore akaba yamenyesheje ko ‘hatabaye ugukorana neza na Leta y’ i Bujumbura kubera umugwi wa ONU ukora amatohoza mu Burundi wirukanywe’, nk’uko Reuters ibishira ahabona.

Renovat Tabu akaba yarahanganye n’umugwi w’abashingamateka ba Buraya kugira yishure kuri ivyo birego, yisigura avuga ko iyo nkuru yo kwirukanwa kw’uwo mugwi warungitswe mu Burundi gukora amatohoza ko ‘ari inkuru yahinduwe nabi kugira ngo Uburundi buboneke nabi mu makungu’.

“Uburundi buricuza ukuntu ibintu vyagoramitswe kugira bigaragare ko hatabaye ugukorana neza mu Buryo nyabwo…Uburundi bukaba burajwe ishinga nukuntu bwama bwagirijwe ibintu atari vyo ibituma habandanya haba inzankano mu Burundi n’ayandi makungu“, niko Tabu Renovat yamenyesheje.

Renovat Tabu akaba yamenyesheje ko vyose vyatumwe nuwahora atwara UN Human Rights Council, Zeid Ra’ad Al Hussein, uwahinduye akazi k’uwo ugwi wa ONU ukora amatohoza mu Burundi, maze abajejwe uruja n’uruza mu Burundi(immigration) baca banke kwongeza ikiringo ku ma visas yabo.

Recommended for you