NEWS

Leta y’Uburundi igabisha ko ishobora gukurayo abasirikare bose muri Somalia.

on

Nubu impari ziracari nyinshi inyuma y’aho Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rifatiye ingigo yo gutahukana abasirikare 1000 b’Abarundi muri Somalia guhera kuri uyu musi wa kane 21 Ruhuhuma 2019.

Leta y’Uburundi ikagabisha ko ishobora gukurayo abasirikare bose bari muri Somalia bashika ku 5400 kubera ‘abasigaye boba basigaye ari bake ku guhanagana n’umwansi’, niko Inama Nshingamteka na Nkenguzamayeka z’Uberundi zamenyesheje.

Nk’uko inkuru ya RegionWeek ibishira ahabona, Reverien Ndikuriyo ayoboye Inama Nkenguzamateka yamenyesheje ko iryo gabanywa ry’Abasirikare b’Uburundi muri Somalia vyotuma bishira mu kaga abasirikare basigayeyo.

“Kugabanya abasirikare muri Somalia b’abarundi bishobora gutuma bigorana kurwanya ya mirwi y’iterabwoba nka Al Qaida na Al Shabab…kandi vyoshira mu kaga ingabo z’Abarundi”, niko Ndikuriyo yamenyesheje.

Mukibuka kandi ko Uburundi bwigeze gushaka gukurayo abasirikare bose muri Somalia mu mwaka wa 2016 kubera impari hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya ku kuntu abo basirikare bakwiye guhembwa.

None ubu naho bakaba bariko basaba ko bogumayo kandi burya bama bagavye ko umwanya n’umwanya bashobora kuhasiga ubuzima.

Leta y’Uburundi ikaba isanzwe ikura amafaranga y’agaciro ashika imiliyoni 18 y’amadolari mu mezi atatu ava kuri ayo abasirikare b’Uburundi bahembwa muri Somalia.

Abasirikare barenga 1000 b’Abarundi baramaze gusiga ubuzima muri Somalia bariko bagerageza gucungera umutekano muri ico gihugu.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply