NEWS

Leta y’Uburundi ibona ko Abepiskopi bo mu Burundi bokurwa mu mabanga yabo

on

Leta y’Uburundi ivuga ko abasenyeri bo mu Burundi bokurwa mu mabanga yabo kubera ico bamwe mu bagize leta y’Ubrundi bavuze ko abo basenyeri bakwiragiza inkuru z’Urwanko.

Vyose vyavuye kw’itanagzo ryasomwe ejo ku mwa 22 Nyakanga 2019 mu masengero yose ya katolika mu Burundi.

Abepiskopi ba katolika basohoye itangazo imbere y’amatora biyamirza ko abatavuga rumwe na leta basigaye bahohoterwa kandi bigakorwa n’imbonerakre za CNDD-FDD zisubirira inzego z’umutekano.

Muri iryo tangazo kandi abo bakuru ba Katolika bamenyesha ko imigambwe iri mu murwi w’abatavuga rumwe na leta idahabwa ikibanza kingana n’iyindi maze igahahazwa.

Iri tangazo rikaba ryashavuje cane abategetsi batari bake muri leta y’Uburundi ku buryo bamwe basaba ko abasenyeri bose mu Burundi bobura bakurwa mu mabanga yabo.

Bamwe bamwe mu basenyeri barakwiye kwitrukanwa mu mabanga yabo…hako babadanya basuka ubumara bwabo bw’urwanko mu banyagihugu”, niko Willy Nyamitwe yanditse avuga.

Icuka kibi hagati ya leta y’Uburundi n’idini rya katolika coba gisburiye kwibonekeza nkuko vyama mu misi canke mu biringo vy’amatora.

Recommended for you

1 Comment

  1. ปั้มไลค์

    September 23, 2019 at 10:13 am

    Like!! I blog quite often and I genuinely thank you for your information. The article has truly peaked my interest.

Leave a Reply

Your email address will not be published.