NEWS

Leta y’Uburudi iriteguriye kwakira ‘abahunze igihugu kubera imvo za politike’.

on

Mw’ijambo umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu, therane Ntahiraja, yashikirije ejo ku musi wa mbere, yamenyesheje ko abarundi bahunze Uburundi kubera imvo za politike bokwiyumva amahoro bagataha maze Leta y’Uburundi ko yitehuriye kubakira.

Ntahiraja yamenyesheje ati: “Nashaka kumenyesha bose ko ata kibazo na kimwe kihari mu Burundi…mbere n’umuryango mpuzamakungu uramaze kuvyibonera…aho notanga akarorero k’amajambo ya Michel Kafando,intumwa ya ONU mu Burundi”(Kafando akaba aheruka kumenyesha ko ‘muri usangi umutekano wifashe neza mu Burundi’ imbere y’Inama nkuru y’uutekkano ya ONU, ‘uretse gusa ukutabona ibintu kumwe hagati ya Leta n’abatavuga rumwe na yo’)

Therance Ntahraja akaba yararemesheje abantu bose bahunze Uburundi kubera impamvu za politike bagifise ubwoba bwi gutahuka mu gihugu c’amavukiro. “Imiryango iruguruye kuri abo bose babishaka.Hariho bamwwe batahutse mu mwaka uheze nka Alice Nzomukunda na Joseph Ntidendereza, bose ari abakuru b’imgambwe ya politike. Hariho kandi uwahoze arongoye Uburundi, Sylvestre Ntibantunganya”, niko Ntahiraja yamenyesheje ahamagarira abahunze gutahuka mu Burundi.

Ntahiraja Therance akaba mbere anamenyesha ko na bamwe bagirizwa kugira uruhara mu vyabaye mu mwaka wa 2015 nko gushaka gutembagaza ubutegetsi botahuka mu Burundi ko umutekano wabo uzokwubahirizwa. “Turabipfurije ikaze, mbere na bamwe 34 bahushije umurongo mu mwaka wa 2015″, niko Ntahiraja yamenyesheje.

Ntahiraja yarangije uri ayo majambo ahumuriza agira ati: ” Murazi mwese, ko umuvyeyi wese yama yiteguriye kubabarira. Igihe umwana yakoze amakosha manaka, amaze guhunga, arashobora gusubira ku bavyeyi biwe. Abegereye, birashoboka mbere ko n’igihano yari yaciriwe gisubira kwihwezwa. Mu gihe abo 34 bokwishikana mu Butungane, bakemera amakosha yabo, ivyo bagirizwa kumbure bizosubirwa kwihwezwa, na kare, bose ni abana b’igihugu”.

Recommended for you