NEWS

Leta Y’i bujumbura Yoba Igiye kuzokurikiranwa na Sentare Mpanavyaha CPI?

on

Umugwi w’abahinga ba ONU warasohoye raporo yabo ku wa 4 Nyakanga 2017 usaba ko Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu CPI yotohoza ku mabi y’agahomerabunwa yakozwe mu Burundi.Ayo mabi y’agahomerabunwa( Crimes contre l’humanité) ONU yagiriza Uburundi harimwo ubwicanyi ndengerabutungane, Ugufungwa uzira akarenganyo, ukuburirwa irengero ku banyurujwe, ugusinzikarizwa ubuzima hamwe no gushurashuzwa ku nguvu.

Umukuru w’uwo murwi w’abahinga ba ONU watohoje ivyerekeye ayo mabi mu Burundi, Fatsah Ouguergouz aravuga ko “ingingo zitari zike zashikanye ku guhonyaaga agateka ka zina muntu mu Burundi zitafashwe na Leta, ariko ko zafashwe n’umukuru w’igihugu ari kumwe n’akarwi k’aba generaux.

Fatsah Ouguergouz aramenyesha kandi ko abategetsi bo ku rwego rwo hejuru muri Leta, aba officiers bo ku rwego rwo hejuru n’abajejwe umutekano hamwe n’urwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi Imbonerakure( abasanzwe biswe na ONU ko ari umurwi w’inkorabara: Milice Imbonerakure). Muri uwo mugwi w’abagirizwa niyo raporo ya ONU harimwo n’abari mu mugambwe MSD, FNL, hamwe n’abahoze mu gisoda n’aba Ex-fab.

Kubw’uwo mugwi wakoze amatohoza mu Burundi, ibihano bitegekanywa gufatwa kuri umwe umwe bifashwe n’Inama Y’umutekano ya ONU. Uyo murwi ukaba waratunganije urutonde rwo mw’ibanga rwabo bagirizwa, maze urwo rutonde rukazoherezwa umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru ajejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Mwomenya ko Leta y’Uburundi yoyo yiyamirije ico cegeranyo ko gihengamye. Ku musi wa gatandatu, abakenyezi bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD bakaba barakoze imyiyerakano biyamiriza abo batunganije iyo raporo bongera banagirako basaba ko ubutungane bworengutsa abatunganije ico cegeranyo maze bagasigura ivyiyo raporo bobo bavuga ko ihengamye ku Burundi.

Recommended for you