NEWS

Leta y’i Bujumbura Iriyamiriza Ibitigiri Vy’Impunzi Z’Abarundi Bitangwa Na HCR.

on

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR ryamenyesheje ku wa kabiri ko hari impunzi z’Abarundi ziri hanze y’igihugu zirenga 430 000, kandi ko hitezwe kwakirwa Abarundi bahunze igihugu bashika 50 000, mbere ko hakenewe uburyo bw’amafaranga yihuta yo gufasha izo mpunzi.

Ariko rero, ku musi wa gatatu muri iyindwi, Leta y’uburundi, ibicishije ku mwunganizi wo mu Bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yasubiriye kwiyamiriza ivyo bitigiri bitangwa na HCR ku bijanye n’impunzi z’Abarundi, ikavuga ari ‘ibitigiri vy’ibiremarema’ HCR ishira ahabona.

Therance Ntahiraja, Umwunganizi mu Bushiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yishuye ku vyo HCR yamenyesheje ko hakenewe amafaranga menshi yo gufasha impunzi z’Abarundi, ko ibiro vya HCR bitemera ko hari impunzi zimwe zimwe zahisemwo guhunguka, kandi ko HCR iguma yongereza ibitigiri kugira ngo yigumanire akazi.
Ntahiraja Terance yamenyesheje ko ibitigiri bishirwa ahabona na HCR ko ari “ibinyoma”.

Soma kandi: HCR Isaba 391 000 000 US $ Yo Gufasha Impunzi Z’Abarundi Muri 2018.

HCR ivuga ko impunzi z’Abarundi zirenga 430 000 ziba mu buhungiro kuva mu mwaka wa 2015 kandi bakaba mu makambi y’impunzi. Ico gitigiri sico, kuko abarenga 200 000 baramaze gutahuka mu Burundi”, niko Ntahiraja yamenyesheje.

Recommended for you