NEWS

Leta y’Burundi Iriyamiriza ‘Ingingo yafashwe’ Yo kwimura Inama ya COMESA.

on

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’Uburundi buyobowe na Ezechiel NIBIGIRA, bwashize ahabona uko Leta y’Uburundi yakiriye ‘uguhindura bukwi na bukwi ikibanza Inama ya COMESA yobereyemwo’. Ikaba yimuriwe kubera muri Zambia muri Mukakaro aho kubera i Bujumbura mu Burundi.

Mu rwandiko Ezechiel NIBIGIRA yandikiye bagenziwe ba Afrika y’Ubuseruko n’Ubumanuko, arasigura ko ingingo yo guhindura ikibanza Inama yoberamwo ari ‘ibituma abakuru b’ibihugu vya Afrika bibazwako vyinshi’.

Muri urwo rwandiko biragaraga ko Ubushikiranganjibw’imigendeanire n’ayandi makungu bubona ko Umunyamabanga mukuru wa COMESA, Sindiso Ngwenya, ko ‘yafashe ingingo ari wenyene ata wurinze kugishwa inama’.

Mu bituma vyagiye ahabona Inama ya COMESA itabera mu Burundi ni ukuntu ibijanye n’umutekano vyifashwe mu Burundi, haragarukwa ku bwicanyi buheruka guhitana abantu 26 mu ntara ya Cibitoki.

Leta y’Uburundi yoyo ikaba inabandanya yerekana ko imyiteguro yo gukora iyo nama ibandanya kandi yarangiye neza.

Recommended for you