NEWS

Leta yahavuye iriha igice ca fagitire kugira barekurwe.

on

Inyuma y’idwi zirenga zibiri abakinyi ba boxe b’Uburundi bafungiwe muri Hoteli mu gihugu ca Gabon kubera kubura amafaranga yo kuriha ihoteli, leta y’Uburundi ikaba yahagurukiye ico kibazo maze irariha igice c’ayo mafaranga yabwirizwa kuriha.

Abo bene Burundi bakaba basabwa kuriha amafaranga ashika ku 10 000 USD(hafi imiliyoni 30 mu mfaranaga y’amarundi).

Ikinyamakuru Jimbere kikaba kimenyesha iyo nkuru y’umunezero ku Barundi n’abarundikazi bari bamaze imisi biyumvira abo bene Burundi bari baheze muri Gabon.

Umukuru w’ishirahamwe rya Boxe mu Burundi, Eric Ndayishimiye, yamenyesheje ko ‘leta y’Uburundi yarishe igice c’amafaranga yasabwa kuriha ihoteli’.

Eric Ndayishimiye aca amenyesha ko ikindi gice c’amafaranga kizokwirwako n’ishirahamwe arongoye hamwe n’ishirahmwe rya Gabon muri boxe’.

Bikaba vyitezwe ko abo bene Burundi bazoshika i Bujumbura mu Burundi ku wa 4 itariki 06 Ruheshi, 2019, nk’uko Eric yabimenyesheje.

Recommended for you