NEWS

Leta ya RDC itangaza ko Ikiza ca Ebola Casubiriye kwibonekeza mu tundi turere two mu Buseruko.

on

Inyuma yaho leta ya Kongo itangarije ko ikiza ca Ebola cari cateye mu ntara imwe ya Leta Iharanira Demokrasi ya Kongo, hadaciye n’iyinga iyo leta nyene yasubiye gutangaza ko ico kiza casubiye kwibonekeza mu tundi turere dushasha two mu buseruko tw’ico gihugu, natwo tukaba ari uterere twegereye Uburundi.

Ishirahamqe ryitaho amagara y’abantu OMS na Kongo bari batangaje ko ikiza ca Ebola cari cateye muri Kongo mu ntara ya Equateur carangiye, ariko rero iyo leta ya RDC ikaba yasubiye gutangaza ko uturere two mu buseruko twa Kongo nka Beni twatewe nico kiza.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukamenyesha ko hari abantu bane bapimwe mu gisagara ca kinshasa maze basanga bafise umugera w’iyo ndwara ya Ebola, kandi ko ibipimo bikibandanya.

Igihugu c’Uburundi naco cari gikwiye gufata ingingo zo kwikingira na rirya ico kiza ca Ebola kiriko cibonekeza mu turere twegeranye n’Uburundi mu kuzitira kitaronerwa.
Mu gace ka Beni hakaba hibonekeza abandukiwe cane nico kiza mu karere ka Mangina uvuye ku bilometero 30 uva i Beni.

Igisagara ca Beni muri Kongo kikaba kiri ku bilometero hafi 700 km uvuye mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi hakaba hagendwa amasaha 13 n’imodoka.

Recommended for you