Abategetsi bane bo mu bushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu kuva kuri uyu wa kabiri bari mu rugendo rwabashikanye mu makambi ya Lusenda na Mulongwe acumbikiyemwo impunzi z-abarundi., asanzwe ari mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo.
Urwo rugendo rukaba rugamije gukangurira izo mpunzi gutahuka mu Burundi aho abategetsi bavuga ko amahoro n-umutekano vyiraye. Bamwe mw-izo mpunzi bashimira Leta y-uburundi kuba yaje kubahimiriza kugira batahuke ariko abandi bakavuga mu Burundi hakiri ibibazo vy-umutekano muke hamwe no kutubahiriza agateka ka zina muntu. Hari n-abavuga ko bafise ikibazo caho boca bashikira hamwe bahungutse.
Naho izo mpunzi z-abarundi zifise impungenge, umuyobozi ajejwe ibibazo vyo gutahukana impunzi Bimenyimana Nestor yarabamaze izo mpungenge aho yababwiye ko mu Burundi hari amahoro n-umutekano inyuma y-imyaka 6 bamaze mu buhungiro maze aca abasaba gutahuka.
Tubamenyeshe ko impunzi z-abarundi zahungiye muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo zigera ku bihumbi mirongo ine na bine (44000).