Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsLeta y-uburundi irarahira ikarengwa ko itazokwemerera intumwa ya ONU iraba ivy-agateka ka...

Leta y-uburundi irarahira ikarengwa ko itazokwemerera intumwa ya ONU iraba ivy-agateka ka zina muntu kuza mu Burundi.

Leta y-uburundi irarahira ikarengwa ko itazokwigera yemera ko intumwa idasanzwe ya ONU iraba agateka kazina muntu ihonyoza ikirenge mu gihugu. Umushikiranganji w-imigenderanire y-uburundi n-ayandi makungu yabivugiye imbere y-abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, hari kuri uyu wa kane igihe bariko bamubaza ko ico gihugu kizoha ikaze iyo ntumwa idasanzwe ya ONU.Press conference held by the Minister of Foreign Affairs and Development  Cooperation, His Excellency Ambassador Albert SHINGIRO, on the achievements  of the Ministry for the 2nd term of 2020-2021. - Ministry of

Albert Shingiro avuga iyo ntumwa yasubiriye umurwi w-abahinga ba ONU bakora amatohoza ku Burundi ata kazi ifise kuko agateka ka zina muntu gasigaye kifashe neza.

Naho umushikiranganji Albert Shingiro amenyesha ko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe neza , amashirahamwe yigenga yaba ayakorera mu gihugu canke mpuzamakungu aguma asohora ivyegeranyo yerekana ko nubu abantu cane cane bari mu batavuga rumwe n-umugambwe CNDD-FDD babandanya bagandagurwa abandi bakaburwa irengero imbere yuko baba bafashwe na bamwe bo mu nzego z-umutekano hamwe n-izo mw-igendereza.

Must Read