Leta y-uburundi irarahira ikarengwa ko itazokwigera yemera ko intumwa idasanzwe ya ONU iraba agateka kazina muntu ihonyoza ikirenge mu gihugu. Umushikiranganji w-imigenderanire y-uburundi n-ayandi makungu yabivugiye imbere y-abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, hari kuri uyu wa kane igihe bariko bamubaza ko ico gihugu kizoha ikaze iyo ntumwa idasanzwe ya ONU.
Albert Shingiro avuga iyo ntumwa yasubiriye umurwi w-abahinga ba ONU bakora amatohoza ku Burundi ata kazi ifise kuko agateka ka zina muntu gasigaye kifashe neza.
Naho umushikiranganji Albert Shingiro amenyesha ko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe neza , amashirahamwe yigenga yaba ayakorera mu gihugu canke mpuzamakungu aguma asohora ivyegeranyo yerekana ko nubu abantu cane cane bari mu batavuga rumwe n-umugambwe CNDD-FDD babandanya bagandagurwa abandi bakaburwa irengero imbere yuko baba bafashwe na bamwe bo mu nzego z-umutekano hamwe n-izo mw-igendereza.