Thursday, June 8, 2023
HomeNewsLeta y-uburundi imenyesha ko yiteguriye kwakira incanco za mbere za Covid-19 zaba...

Leta y-uburundi imenyesha ko yiteguriye kwakira incanco za mbere za Covid-19 zaba imiriyoni zitatu.

Leta y-uburundi ibicishije k-umushikiranganji w-amagara y-abantu no kurwanya SIDA aheruka kumenyesha ko incanco za mbere za Covid-19 zizoshikanwa mu Burundi bifashijwe n-ibanki y-isi yose hamwe n-igihugu c-ubushinwa . Umushikiranganji Thadée Ndikumana yabitangaje mu mu ntango z-impera y-indwi yarangiye hari mu kiganiro c-urunani rw-amaradiyo catunganijwe ku bijanye no kurwanya ikiza ca Covid-19.UNICEF Ghana

Umuganga Thadée Ndikumana yavuze uku:

ˮTwaramaze gushiraho umugambi wa Leta twanashikirije mw-ibanki y-isi yose . Yatwemereye incanco imiriyoni zibiri n-ibihumbi amajana ane.Ku ruhande rwacu, twaritunganije, ariko turabandanya twitegura. Abashinwa nabo batwemereye incanco ibihumbi amajana atanu‟

Yaciye atanga ubudasa aho yavuze ati:ˮIco nobwira abarundi  ni uko urucanco rukinga ariko ni ikirwanisho mu bindi vyinshi bindi bifasha kwikingira umugera wa Corona . Incanco nizamara gushikanwa aha mu Burundi , tuzoziha uwuvyipfuza , Ariko bategerezwa gutahura ko ari kimwe mu bikoresho vyo kurwanya ikiza c-umugera wa Corona‟

Kuva muri Ntwarante 2020, Umushikiranganji w-amagara y-abantu amenyesha ko abantu bangana n-ibice 0.08 kw-ijana ari bo  bamaze kwicwa n-ico kiza, hamwe n-abarenga ibihumbi 18 bamaze gutorwa uwo mugera.

Tubamenyeshe ko igihugu c-uburundi arico conyene  cari gisigaye ku mugabane wa Afrika y-ubuseruko kitaremera ko banyagihugu baco bacandarwa uwo mugera. Abategetsi b-uburundi bari baretse gusuzugura ico kiza kuva aho perezida Ndayishimiye ashikiye ku butegetsi muri Ruheshi 2020 , ivyari bihushanye n-uwo yasubiriye umuhisi Petero Nkurunziza aho yavuga ko igihugu c-uburundi cakijijwe impwemu mbi na mutima mweranda.

 

 

 

 

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...