Leta y-uburundi ibicishije k-umushikiranganji w-amagara y-abantu no kurwanya SIDA aheruka kumenyesha ko incanco za mbere za Covid-19 zizoshikanwa mu Burundi bifashijwe n-ibanki y-isi yose hamwe n-igihugu c-ubushinwa . Umushikiranganji Thadée Ndikumana yabitangaje mu mu ntango z-impera y-indwi yarangiye hari mu kiganiro c-urunani rw-amaradiyo catunganijwe ku bijanye no kurwanya ikiza ca Covid-19.
Umuganga Thadée Ndikumana yavuze uku:
ˮTwaramaze gushiraho umugambi wa Leta twanashikirije mw-ibanki y-isi yose . Yatwemereye incanco imiriyoni zibiri n-ibihumbi amajana ane.Ku ruhande rwacu, twaritunganije, ariko turabandanya twitegura. Abashinwa nabo batwemereye incanco ibihumbi amajana atanu‟
Yaciye atanga ubudasa aho yavuze ati:ˮIco nobwira abarundi ni uko urucanco rukinga ariko ni ikirwanisho mu bindi vyinshi bindi bifasha kwikingira umugera wa Corona . Incanco nizamara gushikanwa aha mu Burundi , tuzoziha uwuvyipfuza , Ariko bategerezwa gutahura ko ari kimwe mu bikoresho vyo kurwanya ikiza c-umugera wa Corona‟
Kuva muri Ntwarante 2020, Umushikiranganji w-amagara y-abantu amenyesha ko abantu bangana n-ibice 0.08 kw-ijana ari bo bamaze kwicwa n-ico kiza, hamwe n-abarenga ibihumbi 18 bamaze gutorwa uwo mugera.
Tubamenyeshe ko igihugu c-uburundi arico conyene cari gisigaye ku mugabane wa Afrika y-ubuseruko kitaremera ko banyagihugu baco bacandarwa uwo mugera. Abategetsi b-uburundi bari baretse gusuzugura ico kiza kuva aho perezida Ndayishimiye ashikiye ku butegetsi muri Ruheshi 2020 , ivyari bihushanye n-uwo yasubiriye umuhisi Petero Nkurunziza aho yavuga ko igihugu c-uburundi cakijijwe impwemu mbi na mutima mweranda.