Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsLeta nshasha yashizweho, bamwe mu bari nsomambike na Perezida Nkurunziza basezerewe.

Leta nshasha yashizweho, bamwe mu bari nsomambike na Perezida Nkurunziza basezerewe.

Amazina y’abagize Leta nshasha yashizwe ahabona ku mugoroba wo kuri uyu wa kane. Igihaye kiboneka nuko amasura y’abashikiranganji bahora kuri Leta y’umuhisi Perezida Nkurunziza basezerewe. Bamwe n’abandi babona ko Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yakoze ibishoboka vyose mu kugira yikure abahora ari soma mbike n’umuhisi Perezida Nkurunziza co kimwe n’uwahora ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume yaraye nawene akombowe kuri uyu wa gatatu.

Nkuko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Mu bashikiranganji 15 bahora bagize Leta irongowe na Alain-Guillaume Bunyoni , nuko batanu bahora muri iyo Leta batagarukanywe muri nshasha. Ico bose bahuriyeko ni uko bahora muri Leta y’umuhisi Nkurunziza abandi bakaba abayoboke ba Alain-Guillaume Bunyoni. Abo nabo ni : Umushikiranganji w’ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo, Umushikiranganji w’akazi n’abakozi ba Leta umuganga Thadée Ndikumana, Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema hamwe rero n’umushikiranganji w’inyubako za Leta Nsangamiyumwami Deogratias.

Umwe mu banyamugambwe wa CNDD-FDD atashimye ko tumuvuga izina yatubwiye ko Perezida Ndayishimiye yikuyeko abahora bayoboka Alain-Guillaume Bunyoni n’umuhisi Perezida Nkurunziza kuko bari mubaguma bamugora cane bitwaje ko bari mubavugiwe cane n’umuhisi Nkurunziza ngo bazogarukanwe muri Leta ya Varisito Ndayishimiye hari muri Ruheshi 2020. Akamenyesha ko ubu bigiye kumworohera Perezida Ndayishimiye gutwara igihugu ata nkomanzi. «Amahinduka nubu agiye kubandanya no muzindi nzego hamwe no mu bindi bisata vy’igihugu mpaka akuyemwo abo bose bahora bayoboka Bunyoni canke Nkurunziza kuko bari baruhije umukuru w’igihugu Ndayishimiye. Mugiye kubona igihugu cacu gisubiye kuja ku murongo nka kera kubera ubutwari bwa Perezida wacu na Gervais Ndirakobuca» Niko uwo munywanyi w’umugambwe CNDD-FDD abandanya ashimangira.

Must Read