Muri leta nshasha yaraye igenywe, hariho umushikiranganji w’agateka ka zina muntu aturuka mu bwoko bw’abatwa yaraye agenywe kuba mu bagize leta.
Bamwe babona ko leta vy’ukuri igiye kwubahiriza agateka ka zina muntu no kunganisha abantu mu bijanye n’imibano.
Leta benshi babona ko ari leta ya Evariste Ndayishimiye, Alain Guillaume Bunyoni na Gervais Ndirakobuca atazirwa Ndakugarika yoba igiye gukora ibishoboka kugira amakungu abone ko Uburundi buhagaze neza.
Uwo mushikiranganji ava mu bwoko bw’abatwa yitwe Imelde Sabushimike( KW’IFOTO) maze akaba agiye guhagararira ibijanye n’imibano n’agateka ka zina muntu.
Umugwi UNIPROBA uharanira agateka k’abatwa ukabona ko ‘abatwa nabo bashoboye’ mu bijanye no gutuma igihugu gitunganirwa.
Mwomenya ko leta ya Ndayishimiye-Bunyoni-Ndirakobuca yagabanije cane ubushkiranganji bwhahora bwarenga 20 bukaba bubaye gusda 15.