NEWS

Leta Nshasha: Bamwe batakaje Ibibanza Abandi Barahindurirwa.

on

Umukuru w’igihugu c’Uburundi ejo ku musi wa kane yahisemwo gusohora itegeko n°100/038 ry’umukuru w’igihugu rishiraho abashikiranganji bashasha abandi barahindurirwa ubushikiranganji, ibiboneka ko ari nk’uko hagiyeho leta y’Uburundi nshasha.

Igitangaje benshi ni ugukurwa mu mabanga uwahora ari umushikiranganji w’Uburundi w’imigenderanire n’ayandi makungu ariwe Alain Aime Nyamitwe, yasubirijwe n’uwahora atwara Imbonerakure ku rwego rw’igihugu, Ezechiel Niragira.

Bamwe bamwe baribaza igituma uyo Aime Nyamitwe akuwe muri ayo mabanga mu gihe yahora akora uko ashoboye kwose akavugira Uburundi mu makungu. Abandi bakibaza agacerere kanini Willy Nyamitwe mwenewabo arimwo bigatuma hiyumvirwa ko abo babiri bonse rimwe boba bariko barakumirwa ku rubuga rwa politike imbere y’amatora ya 2020.

Ezechiel NIBIGIRA yigeze kuba aserukira Uburundi muri Kenya, akaba yarigeze n’ukuba ari umukuru w’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, yagenywe mu mabanga y’ukuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, akaba agiye mu kibanza cahoramwo Alain Aimé NYAMITWE.

Abashingamateka bari mu runani AMIZERO Y’Abarundi nta watakaje ikibanza uretse ko bamwe muri bo bahinduriwe Ubushikiranganji. Nabo ni Jeanne d’Arc Kagayo, Félix Mpozeriniga, Jean Bosco Hitimana, Serges Ndayiragije hamwe na Pélate Niyonkuru.

Recommended for you