NEWS

Leta n’abatavuga rumwe nayo mu biganiro vyo kubatahukana

on

Umugwi w’abatavuga rumwe na leta y’i Gitega uriko ukora ibiganiro na leta y’Uburundi mu ntumbero yo gutegura itahukanwa ry’abatavuga rumwe bose boba bari hanze y’igihugu.

Ivyo bimenyeshwa na RFI aho havugwa ko naho vyavuzwe ko Anicet Niyonkuru umunyamabanga wa CNARED yahungutse kwitegurira amatora ya 2020, biboneka ko nyabuna ko abaserukizii naba CNARED bari i Bujumbura kuva ku musi wa gatandatu mu biganiro vyotuma bagenzi babo nabo batahuka mu gihugu c’amavukiro.

Ivyo biganiro ku ruhande rw’abatavuga rumwe na leta bikaba bihagarariwe na Anicet Niyonkuru.

Isoko ry’iyi nkuru rikamenyesha ko ibiganiro hagati ya leta n’abo batavuga rumwe bigeze kure kandi ko hitezwe ko hasinywa amasezerano atuma leta n’abatavuga rumwe bahuriza ku ngingo zinaka zituma abahunze igihugu bahunguka.

Mwomenya ko leta yoyo ibandanya isaba ko abatavuga rumwe nayo bohunguka maze bakitegurira amatora ya 2020 kuko imenyesha ko azoba mu mutekano ntangere.

Mwomenya kandi ko abatavuga rumwe na leta basaba ko botahuka maze ntibakurikiranwe ku vyabaye kuva mu mwaka wa 2015.

Leta y’Uburundi naho biri uko ikamenysha ko abahunze bose batavuga rumwe na leta bagirizwa n’ubutungane kugira uruhara mu migumuko hamwe n’izindi ntureka zakurikiye 2015 azoshikira imbere y’Ubutungane hama abazwe ivyo yagira.

 

Recommended for you