NEWS

Leta Iti ‘Ibiganiro Vyaraheze’, Abatavuga Rumwe Nabo Ngo ‘Hakenewe Ibindi Biganiro’.

on

Umuhanuzi mukuru mu bijanye no kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe yamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko ‘ata bindi biganiro bihuza Abarundi bizosubira kuba, ko ivya nyuma vyabereye i Arusha ku wa 8 Kigarama 2017’.

Ivyo bisa n’ivyamenyeshejwe na leta y’Uburundi bije inyuma y’aho habereye inama hagati y’abatavuga rumwe na leta bari mu gihugu n’abatavuga rumwe na leta bari hanze y’igihugu aribo runani CNARED,inama yabereye i Nairobi muri Kenya kw’igenekerezo rya 26 Nzero 2018. Abenshi bakaba babona ugukorana kwa hafi hagati y ‘Umurwi wa Rwasa Agathon- Ngayimpenda hamwe n’urunani CNARED’.

Mu bijanye n’ivyigiwe muri iyo nama i Nairobi, urwo twokwita ‘urunani rushasha’ rwariyemeje cane gukora ibishoboka kugira ihinyanyurwa ry’ibwirizwa Shingiro ntirikore ku masezerano y’I Arusha, ivyo abatavuga rumwe na leta babona ko ari « guhamba amasezerano y’I Arusha ». Urwo ‘runani kandi rukaba rwarashitse ku ngingo y’uko ‘hakwiye kujaho mu maguru masha ibiganiro bindi bibera hanze y’igihugu ‘kubera ibiheruka bisa n’aho ataco vyashitseko’’.

Iryo tangazo rero ry’uko ibiganiro vyaheze rije kandi kwereka abakoze ibishoboka vyose kugira ngo ibiganiro bihuza Abarundi bigire ico bishikako nka Benjamin Mkapa na Yoweli Kaguta Museveni ko ataco bagisubira kubaza. Abihweza ibintu kandi barabona ko iyo mpagararo ya leta y’i Bujumbura ari ukwitanga kare Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Afrika ubu rirongowe na Paul Kagame( asanzwe adacana uwaka na Leta y’i Bujumbura) kugira ntihagire na kimwe ashikako mu bijanye no gutegeka leta y’i Bujumbura.

Ikindi kandi cibazwa na benshi ni ukwo ‘kuja hamwe hagati ya Rwasa-Ngayimpenda na CNARED( abatari basanzwe babona kumwe uko ikibazo c’Uburundi uko cotorerwa umuti). Mbega boba bagiye gushira inguvu hamwe bakagira ico bashitseko ? Ni aha kazoza…ikiboneka coco, ni uko leta y’i Bujumbura yamaze kwerekana aho ihagaze. Hasigaye ahabatavuga rumwe na leta naho bigaragara ko ata nguvu bagifise zo guhangana na Leta y’i Bujumbura.

Recommended for you