NEWS

Leonce Ngendakumana avuga iki ku ngingo yo kwugara amashirahamwe mvamakungu mu Burundi?

on

Ku bw’uwtavuga ruMwe na leta y’Uburundi, Leonce Ngendakumana wo mumugambwe FRODEBU, ingingo yo kwugara amashirahamwe mvamakungu mu Burundi iza inigira mu menshi abarundi bari basanzwe bahanzwe n’ubukene butagira izina.

Mu kiganiro yahaye Ikinyamakuru Ikiriho, Leonce Ngendakumana yaMenyesheje ko “vyoba vyiza Leta y’Uburundi ifashe ingingo yo guhagarika ingingo yo kwugara amashirahamwe mvamakungu ata guteba akandi ata kiriNze gusabwa, kubera ko iyo ngingo izana igaruka mbi zikomeye ku buzima bw’igigughu nabarundi”.

Ku bijanye n’uko iyo ngingo yaga n’inama Nkuru y’Umutekano y’uburundi, Leonce Ngendakumana yamenyesheje ko iyo Nama Y’umutekano mu Burundi( Conseil National de Securite) ‘ata bubasha ifise bwo gufata ingingo, ni urwego rwo guhana hana ivyiyumviro mu bijanye n’umutekano.Rero ntirwari rukwiye gufata ingingo yo guhagarika amashirahamwe mvamakungu mu Burundi’, niko Ngendakumana yamenyesheje.

Leonce Ngendakumana yabwiye Ikiriho ati: ” Mbona ko iyo ngingo ya Leta y’Uburundi yo guhagarika ayo mashirahamwe mvamakungu ko ari nk’igikorwa c’ukwihebura kwa leta y’Uburudni. Ni mbere ukwiyahura uravye ingaruka mbi zizokurikira iyo ngingo”.

Leonce Ngendakumana akaba abona ko Inama Nshikiranaganji yokwihutira vuba bwango guhagarika iyo ngingo kugira ngo ntihagire ivyononekara.

Ingaruka mbi zimaze kwibonekeza ni ukwihebura ku Barundi bahora bakora mw’ayo mashirahamwe mvamakungu hamwe n’abakora mu mashirahamwe asanzwe afashwe n’ayo mashirahamwe mvamakungu kubera ko uburyo bahora baronka kugira bashobore kubaho no gutunganya amashirahamwe yabo hano mu Burundi butazoba bukiboneka.

Mu gihe Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwari bwafashe ingingo yo gutumako Inama n’ayo mashirahamwe mvamakugu kuri uyu musi wa mbere itariki 1 Gitugutu 2018 (itariki nyene itangura ihagarikwa ry’ayo mashirahamwe), iyo nama vyamenyeshejwe ko ‘yigijwe inyuma itakibaye’ ata nsiguro zindi zitanzwe kuri iryo yunguruzwa.

Recommended for you