NEWS

Leonce Ngendakumana ariteguriye kuja hamwe niyindi migambwe mu matora ya 2020

on

Leonce Ngendakumana ariteguriye kuja hamwe niyindi migambwe mu matora ya 2020 y’umukuru w’igihugu.

Ivyo yabimenyesheje inyuma yo gutorwa ku majwi arenga 80 kw’ijana ngo azoserukire umugambwe Sahwanya FRODEBU mu matora ya 2020.

Ariko rero, Leonce Ngendakumana arabona ko vyoba vyiza yifatanije n’iyindi migambwe mu matora kugira ahangane n’ibihangange bibiri arivyo CNDD-FDD na CNL.

Umugamwe Sahwanya FRODEBu nk’uko Ngendakumanab yabimenyesheje ukaba utumira iyindi migambwe yose kugira bashike kw’ihinduka rizofasha Uuurundi mu mice yose y’Ubuzima.

Leonce Ngendakumana akaba yiteguriye guhanagana n’abazoshirwa imbere ba CNDD-FDD na CNL.

Bamwe baribaza nimba azokwifatanya na CNDD-FDD canke CNL mu matora ya 2020 kubera ko iyo migmabwe ariyo ikomeye cane mu Burundi muri iki gihe.

Leonce Ngendakumana yari yahigaanywe na Pierre Claver Ndikumana ariko abanywanyi buyo mugambwe bakaba bataravye ryiza uwo wa nyuma maze bahitamwo kuja ku ruhande rwa Ngendakumana Leonce.

Recommended for you