Umugambwe CNDD urongowe na Leonard Nangoma wandikiye ikete imboneza mu bagumyabanga ba CNDD FDD, aho muri iryo kete bavuga ko bagomba kubakebura, naho boba ari abakeba muvya poritike.
Muri iryo kete, umukuru w’umugambwe CNDD avuga ko bigize kubigira igihe bariko bararwanya, kandi bahanura umugambwe UPRONA. ’’Twarabigize turiko turahasha abari bahejeje kwiha inkumbi bagashaka kuvuguruza abarundi, bari bahejeje kwitorera Umukuru w’igihugu cabo mu mwaka w’1993. Twarabigize kandi turabishitsa naho havuye haduka izindi ngorane, ari na zo ziriko zirazana aya mabi n’amagume mwese mubona. Ayo na yo ni aya y’ubukene, n’inzara vyasinzikaje abanyagihugu, aha rero ntituvuze ubusuma n’ubwicanyi vyigize ndanse mu gihugu, ayo mahano yose akaba atumwa cane cane n’uko intwaro ya Nkurunziza ititaho ineza n’iterambere vy’igihugu n’abanyagihugu bose’’, nk’uko bivugwa na Nyangoma Leonard mw’ikete inomero 07/14.
Leonard Nyangoma umukuru w’umugambwe CNDD
Uwo mukuru w’umugambwe usanzwe uri mu murwi w’iyiri mu runani ADC Ikibiri, urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, akamenyesha ko benshi mu bagumyabanga bo muri CNDD FDD bari kumwe nawe, ndetse benshi bazi ico baharanira. Nyangoma akibutsa bimwe bimwe bipfuza ko bihinduka, nk’intwaro igendera ikongera ikisunga ivyiyumviro birashe, abarundi bakabaho babona iyo bariko baraja, bagashobora no kugaragaza akababaro canke akanyamuneza biciye mu myiyerekano canke mu zindi nzira zemewe n’amategeko adahotora agateka ka muntu. Ihangiro rero nyamukuru n’uko Abarundi mu gihugu cabo bumva ko bikukiye, bishira bakizana, bakagira ijambo. Nyangoma Leonard muri urwo rwandiko ati :”Nta kintu kibi nko kuniganwa ijambo.” Ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza busabwa kudasubira gutoteza no guhigwa buhongo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, kuko na kare intwaro ariyo yategerezwa kubakingira no kububahiriza.
“Igihugu kizotera imbere ari uko abarundi bose bugurutse mu mitwe no mu mitima yabo, ni naho bazogira ishaka n’inguvu vyo guhangana n’ibibazo biri ngaha mu gihugu cacu, ibibazo kenshi biva ngaha nyene, ibindi bigaturuka mu mahanga.”
Mukurangiza, Nyangoma akavuga ko ako kamo agateye abishinga kwica benewabo, ntibemere kuba imashini zo kwica abantu baremwe kumwe mw’ishusho ry’Imana. “Gwanire demokarasi, igishe abanyagihugu gukundana n’uguharanira na ntaryo ineza y’igihugu.” Ako kamo k’umugambwe CNDD ntibagateye imboneza gusa z’umugambwe CNDD-FDD, bagateye n’abandi bagumyabanga bose, eka mbere n’abandi bahurikiye mu runani ADC-IKIBIRI canke mu yindi migambwe itari muri urwo runani. Aka kamo bagateye kandi abarundi bo mu bwoko bwose, bemera intwaro rusangi.
Sources : Igihe Burundi