Thursday, March 30, 2023
HomeNews"Kw’isi yose ni Uburundi bwarwanije Corona bimwe biboneka kubera twihereje Imana" Perezida...

“Kw’isi yose ni Uburundi bwarwanije Corona bimwe biboneka kubera twihereje Imana” Perezida Ndayishimiye.

Umukuru w’igihugu c’uburundi avuga ko igihugu arongoye arico ca mbere kw’isi yose carwanije bimwe vy’akarorero ikiza ca Covid-19. Perezida Ndayishimiye anamenyesha kandi ko n’amafaranga arenga imiriyaridi 30 z’amarundi yasagutse mu mugambi wo kurwanya ikiza ca Covid-19 akaba ngo agiye kuzokoreshwa mu kwubaka inyubakwa nini idasanzwe.

Perezida Ndayishimiye mw’ikoraniro risanzwe ry’umugambwe CNDD-FDD ryabaye kuri uyu w’Imana mu ntara ya Gitega yagize ati :”kw’isi yose ni uburundi bwarwanije corona bimwe biboneka kubera gusa twarihereje Imana, turazi ko izodutabara”

Uwo arongoye uburundi yarongeyeko avuga ati:”None basigaje amahera muyo twari twabahaye ararenga imiriyaridi 30. Tuzoyubakisha ikintu sha! Ayasigaye tuzoca tuyubakisha ikintu!”

Naho umukuru w’igihugu c’uburundi asa n’uwikeza ko igihugu arongoye arico ca mbere kw’isi cashoboye gutuza ico kiza ca Coronavirus, Mu ntara za Bururi, Bubanza na Cibitoke , havurwamwo abarwaye ico kiza barwiriyemwo abanyeshure nkuko ivyegeranyo biva mu burere bw’ubuvuzi bw’izo ntara buguma buvyerekana.

Must Read