Monday, May 29, 2023
HomeNews Kwisi yose abakobwa bandandaza imibiri yabo bari mumubabaro udasanzwe kubera ino...

Kwisi yose abakobwa bandandaza imibiri yabo bari mumubabaro udasanzwe kubera ino mpanvu hano

Mw’isi yose ibiciro vy’abadandaza umubiri vyaragabanutse.Ivyo bimenyeshwa n’ikinyamakuru The Economist inyuma y’ivyigwa vyakozwe ku badandaza umubiri 190.000 mu bisagara birenga 80 n’ibihugu birenga 12.Ico kinyamakuru casanze ko mu myaka 5 iheze igiciro cavuye ku madorare 340 kija ku madorare 260 mu mwaka uheze.

Nk’uko ico kinyamakuru The Economist kibivuga ngo ingorane z’ubutunzi zibonekeza kw’isi hamwe n’ubuhinga bwa none vyatumye ibintu bikorerwa k’umugaragaro nivyo vyatumye ibiciro bigabanuka. Akarorero ico kinyamakuru gitanga ni mu gisagara ca Cleveland muri Reta ya Ohio yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika aho vyibonekeje mu ntango z’imyaka cumi iheze ko hari ibice 12,5kw’ijana vy’abantu badafise akazi,ibiciro vyaragabanutse.

Mu bibanza bitashikiwe n’ikibazo c’ubutunzi naho nyene ibiciro vyaragabanutse,aho ni nko mu gisagara ca Londres mu gihugu c’Ubwongereza.Abantu bimuka bava mu bihugu bikenye nabo nyene baratumye ibiciro bigabanuka kuko abo bantu baba m’ubuzima bugoye bigatuma baronka ubuhungiro muri ico gikorwa co kugurisha umubiri gusa.Iyinjira ry’abadandaza umubiri bashasha vyatumye navyo ibiciro igabanuka.

Mu gihugu ca Norvege,abadandaza umubiri bo muri ico gihugu baragerageje gushinga ibiciro ntabanduka ariko ntivyoroshe kuko vyabagoye kugenzura abimukiye muri ico gihugu benshi bakora ico gikorwa.

Ku rundi ruhande,abarondera abagurisha umubiri bakoresheje ubuhinga bwa none aho bigoye kwinyegeza vyaratumye abakora ico gikorwa baba benshi.Ikinyamakuru The Economist kiremeza ko abadandaza umubiri baronka amafaranga make bagereranije n’iminsi iheze.
The Economist kimenyesha ko kumenyekanisha ibijanye no kudandaza umubiri bakoresheje ubuhinga bwa none vyatumye ibiciro bigabanuka kuko inzu zaranga abo babikora nazo nyene zahavuye zugara imiryango.

Sources : Business Life

Must Read