NEWS

Kwinjira mu nzego z’umutekano ntivyoroshe Kandi bisaba uburyo bwinshi

on

Haraheze iminsi ubushikiranganji bw’inzego z’umutekano butumyeko kwiyandikisha ngo ababishaka binjire muri izo nzego. Ibibazo vya mbere vyaramaze gukorwa maze ubu hasigaye gukora ivya nyuma. Ariko rero, nk’ukwo Oscar Niyonkuru avyihweza, kugira ngo ushobore gukwiza ibisabwa vyose ntivyoroshe. Ivyo rero ugasanga biremera abadafise amikoro akwiye kuko bitwara uburyo bwinshi.


Imikangara yo mu Burundi igize iminsi ikora ibibazo vyo kwinjira mu nzego z’umutekano. Haba mu gisirikare canke mu giporisi, ivyo bibazo bigize iminsi bikorwa ku mugaragaro kandi bigakorerwa mu ntara zose z’igihugu. Ababitoye bakazoca begeranirizwa hamwe hama bahabwe inyigisho ziberekeye. N’ubwo biri uko, ukwinjira muri izo nzego ntivyoroshe namba.

Turetse ko hasanzwe hinjizwa imparurwa, gukora ikibazo bitwara uburyo bwinshi. Kugira wiyandikishe vyonyene ubanza gutanga impapuro zose zikenewe. Muri izo mpapuro hariho izo utegerezwa kuronderera mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo rero bituma abiyandikisha basohora uburyo bwinshi. Ku munsi w’ikibazo naho nyene ntivyoroshe. Abenshi bahitamwo kuja kurara ku mirwa mikuru y’intara kugira ntibazocererwe mu kibazo. Ivyo vyose bituma n’ivyahuha bihuhuka ubona ko abenshi muri bo ata buzi baba bari bafise.

Imyidogo ya bamwe mu bakoze ivyo ibibazo twahuye

Hari ku munsi wa mbere itariki zitanu z’ukwezi kwa Kigarama. Nari mvuye ku murwa mukuru w’intara ya Bururi, ntashe muhira. Nategerezwa gufata umuduga kuko i muhira ari kure. Umuduga natashemwo wari wuzuye imikangara y’abakobwa n’abahungu. Sinari nabamenye ariko ibiyago vyabo vyatumye ndabamenya.

Umuhungu twari twicaranye yarinamuye ati: « Ariko ga Mana, hamwe ntotora iki kibazo sinopfa ngarutse gukora ikindi. Uburyo maze gukoresha burarenze!» Uwundi yari imbere yiwe na we ati: « Reka sha kwitwengera. Nta muntu yoba yarakoresheje uburyo bwinshi nkanje. Narakanagaye manuka i Bujumbura kurondera impapuro zikenewe nzi ngo ndara ngarutse, namazeyo iminsi itatu. Aho hose narariha aho ndyama n’ivyo nfungura. Uwu munsi naho raba naraye ngaha kugira sincerwe ikibazo ». Uri uwundi ati: « Ari amahera uyasohoye ukiriko na rirya tuzogaruka gukora ikindi kibazo co kwiruka».

Uko ivyo bibazo vyokorwa

Mu vy’ukuri umuntu atarakora ikibazo ntaba araronka uburenganzira bwo kwinjira mu nzego z’umutekano. Simbona rero akamaro ko kwaka impapuro zose zikenewe mu gihe atarakora ikibazo. Ku bwanje mbona ko umuntu yobanza agakora ikibazo ubwambere. Agitoye bagaca bamutuma impapuro zikenewe. Atagitoye naho akihangana mugabo ntabe yabanje gusesagura amafaranga yiwe. Uwu munsi abantu benshi baradebukiwe kubera amafaranga bamaze gusohora. Benshi muri bo baza baratakaje n’agatima ko gusubira gukora ico kibazo.

Ikindi cari gikwiye gukosorwa n’iminsi yo gukora ibibazo. Gukora ikibazo co kwandika ukazogaruka gukora ikarashishi ntibikenewe. Abakora ibibazo benshi usanga bava kure. Ivyo bituma bafata imiduga kugira ntibacerwe. Iyo rero ibibazo, bikozwe ku minsi itandukanye, bituma bakoresha uburyo bwinshi. Nico gituma vyari bikwiye gukorwa ku munsi umwe. Bidakunze naho vyopfuma bikorwa iminsi ibiri ikurikirana. Ivyo vyotuma hakoreshwa uburyo buke ndetse n’umwanya muto.

Abatunganya ibibazo bari bakwiye kubikora bisunze ineza y’ababikora. Boraba amikoro y’abiyandikisha bigakorwa neza kandi atawusesagujwe. Gutyo, yaba umukene, yaba umutunzi bagahiganwa ntihagire uwitwaza ko yaretse kwinjira kubera ubukene.

Recommended for you