NEWS

Kwimonora birabujijwe mu mashure y’intango n’ayisumbuye

By

on

Janviere Ndirahisha, umushikiranganji w’indero n’amashure y’imyuga, aragabisha abanyeshure ko kwisiga birengeje urugero bibujijwe n’amategeko kandi ko bihanwa. Ivyo biri mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye mu mpera z’iyi ndwi iheze. Umushikiranganji Janviere Ndirahisha aributsa kandi ko ukwo kwisiga mu maso birengeje bihanwa n’itegeko rigenga ishure n’abanyeshure mu ngingo yaryo ya 28 agace k’indwi.

Janviere Ndirahisha akaba yiyamiriza n’ibicapo abanyeshure bishira ku mibiri yabo bita tatouage mugifaransa, ati uwuzofatwa azohanwa. Umushikiranganji w’indero asaba abanyeshure kwisiga mu maso bisanzwe. Ivy’imishatsi vyovyo bikaba vyarabujijwe kuva haraheze imyaka ibiri ubu abanyeshure bakaba bimwesha umushatsi wose.

Umushikiranganji Janviere Ndirahisha asaba abavyeyi n’abigisha babafasha kurera gukwirikiranira hafi abana babo no kwubahiriza izo ngingo.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply