Mu gihe kuri uwa 8 Ruheshi igihugu cacu kihimbaza umusi mukuru w-imboneza yamaho yo gukundisha igihugu, umusi uhuriranye no kwibuka urupfu rw-uwahoze ari mukuru w-igihugu c-uburundi Petero Nkurunziza, Uwundi murwi w-abarundi nawo umenyesha ko iy-itarike ugiye kuza uribuka ababo bagandaguwe n-intwaro y-uwo muhisi Petero Nkurunziza kuva agishika k-ubutegetsi mu mwaka w-2005 gushika asezeye isi mu mwaka w-2020.
Uwo musi ngo uzoba kandi uwo kutera intege abitanze bose bakitwa intwari mu kwiyamiriza amabi atagira izina yakozwe n-ubwo butegetsi bw-uwo muhisi.Ni bo bobo bita akarorero ko gukunda no kwihebera igihugu.
Kubw-uwo murwi w-abo barundi, umenyesha ko vyahora biwugora ingene boronka itarike nyezina yo kwibuka abanywanyi b-umuhari FNL biciwe I Muyinga mu mwaka w-2006, abandi bahitanywe n-ikiza bise SAFISHA hagati ya 2010 na 2013, ubwicanyi bwo mu Gatumba bwo mu mwaka w-2011, igandagurwa ry-ababikira batatu b-abatariyanokazi mu mwaka w-2014, igandagurwa rya Ernest Manirumva icegera c-uwurongoye OLUCOME ryabaye mu mwaka w-2009, hamwe ngo n-abarundi barenga 2000 bagandaguwe kuva mu mwaka w-2015 igihe hiyamirizwa ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza.
Kubwa Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL, amenyesha ko kuwa 8 Ruheshi ari umusi usanzwe nk-iyindi. Ko ivyari kuba vyiza igenekerezo rya 8 Ruheshi abarundi n-uburundi bari kwibuka umusi uburundi baburiyeko umukuru w-igihugu yamaze imyaka myishi arongoye igihugu kuruta abandi bose ngo nayo ivyo gukunda igihugu vyokwihozwa kuko ntivyo kwitirwa umuntu umwe kuko ababaye intwari mu burundi ari benshi .