NEWS

Kur’uyu wagatandatu Imigambwe iriko iripanga mu matora yo mu 2020

By

on

Umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD k’uruyu wagatandatu wateguye amatora kumitumba yose yo mu Burundi aha bariko baratora indongozi z’uyo mugambwe ku mitumba. Aho ni mu ntumbero yo kuzokora ikoraniro kaminuza ry’uyu mugambwe mu ntumbero yo kuzotora umu candidat azobaserukira mu matora yo mu 2020.

Mwomenya ko Président Nkurunziza amaze kw’itoza gatatu kose aserukira uyo mugambwe mumatora aherutse kuba yamenyesheje ko atazosubira kwitoza, kandi iyo ngingo itarahinduka gushika ubu.

Mu mugambwe FRODEBU nawo nyene bakaba bari mw’ikoraniro kaminuza y’uwo mugambwe wari watsinze amatora yo muri 1993. Ibibazo bitatu nivyo bariko bariga harimwo kwemeza ikarata y’amatora, gutora abazoserukira uwo mugambwe mu matora yo mu 2020, hamwe n’uwuzohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2020. Murico kibanza abagabo babiri akaba aribo bariko barahiganirwa ico kibanza aribo Leonce Ngendakumana na Pierre Claver Nahimana asanzwe arongoye uyo mugambwe.

Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA naho nyene ntibicaye kur’uyu wagatandatu hakaba hatunganijwe ibirori vyo kwibuka imyaka 58 ihaciye umugambwe w’abadasigana UPRONA utsinze amatora y’abashingamateka yo muri 1961. Gaston Sindimwo, icegera cambere c’umukuru w’igihugu aturuka mi mumagambwe UPRONA akaba yagiye muri zone avukamwoa ariyo zone Nyakabiga.

Eka nabo n’abanywanyi bumugambwe CNL bibonekeza mu mabarabara bafise amadarapo yuwo mugambwe urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa nawo nyene biboneka ko ufise abanywanyi batari bake k’urubuga rwa politike.

Recommended for you