NEWS

Kurikirana ngaha urabe aho abiteguriye gutera Uburundi n’Urwanda bakorera imyimenyerezo.

on

Hagize imisi havugwa imirwi irwana yoba yiteguriye gutera igihugu c’Uburundi, iyindi igatera Urwanda, ubuhoho hamaze kuja ahabona amakuru amenyesha aho abo biteguriye kudurumbanaya umutekano w’Uburundi n’Urwanda bari.

Mu makuru dukesha ikinyamakuru Bwiza, ababa hakurya muri Kongo mu gace ka Uvira baramenyesha ko hari imirwi myinshi yiyitira bamwe amazina yabantu bamaze gufata ibirwaniho ngo barwanye leta y’i Bujumbura nka ba Aloys Nzabampema.

Amakuru kandi amaze kuja ahabona n’uko mu ntara z’uburengero z’Uburundi Abarundi bamaze kubuzwa kuja mw’ishamaba rya Kibira na Rukoko kubera ko abajejwe umutekano boba bariko bahiga abashobora guhungabanya umutekano w’Uburundi.

Umusirikare umwe w’Uburundi atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yavuze ko ‘hari ingabo zimwe zimwe z’Uburundi zijabuka muri Kongo kurwanya abo biteguriye gutera Uburundi, ariko ko bahura n’intambamyi muri ako karere kuzuyemwo baba abarwanya leta ya Kongo, iy’Urwanda n’Uburundi’.

Raba hano uko aba na bariya bavuga ku bijanye n’imyimenyenyerezo ikorwa muri Kongo ku bitegurira gutera Uburundi n’Urwanda:

Recommended for you