NEWS

Kuki Uburundi n’Ubumwe bwa Afrika batabonwa kumwe idosiye ya Pierre Buyoya?

on

Inyuma y’aho leta y’i Bujumbura isohoreye umutahe mpuzamakungu wo guhagarika uwahoze atwara igihugu c’Uburundi, Petero Buyoya, haribonekeje ukutabona kumwe iyo dosiye hagati y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika na leta y’i Bujumbura.

Inyuma y’uwo mutahe mpuzamakungu wasohorewe Petero Buyoya kubera iyicwa rya Ndadaye Melchior, Ubumwe bwa Afrika bwaciye bwihutira gusohora itangazo rigabisha Uburundi kuri iyo ngingo yo guhagarika Buyoya.

Ubumwe bwa Afrika bwari bwamenyesheje ko ‘Uburundi bworeka gufata ingingo z’Ubutungane zohava ziza zunyura iterambere n’amahoro vyari vyashitse mu Burundi’.

Iyo mvugo y’Ubumwe bwa Afrika yakiranywe agashavu na leta y’Uburundi. Umuserukizi w’Uburundi muri ONU,. Albert Shingiro,ntiyatevye kumera nk’uwikunkumura Ubumwe bwa Afrika ko ‘bworeka kwisuka mu bijanye n’Uburundi’ nk’uko vyoba bitaraba Ubumwe bwa Afrika.

Mukibuka ko Petero Buyoya asanzwe ari Intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika nyene mu gihugu ca Mali. None ubwo Ubumwe bwa Afrika bwoba bugomba gukingira ‘umukozi n’umugenzi wabwo’?.Uko biri kwose leta y’i Bujumbura yoyo ibona ko uwo ‘mukozi w’Ubumwe bwa Afrika ategerezwa kurengutswa ku bijanye n’idosiye ya Ndadaye.

Recommended for you