NEWS

kuki Tshisekedi amaze kugendera Urwanda n’ibindi bihugu ntagendere Uburundi?

on

Umuserukizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ariwe Ezechiel Nibigira, umushikiranganji w’Uburundi n’ayandi makungu yarashikanye ubutumwa bwa Pierre Nkurunziza kwa mugenziwe wa Kongo, Felix Tshisekedi ejo ku wa 27 Ndamukiza 2019.

Umuhora w’amakuru wa leta ya Kongo uvuga ko Nibigira atashimye kuvuga ikiri mu butumwa Petero Nkurunziza yarungikiye mugenziwe wa Kongo, gusa ko yavuze ko Uburundi na Kongo ari ‘ibihugu bifitaniye ubucuti budasanzwe’

Ariko rero uwo mutegetsi wa Kongo akaba amaze kugendera ibihugu bitari bike bibanyi n’Uburundi nk’Urwanda ariko ntarashika i Bujumbura kubonana na mugenziwe w’Uburundi, Petero Nkurunziza.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko imigenderanire hagati ya leta nshasha ya kongo n’Uburundi itari myiza bivanye n’imigwano ikunze kuba mu buseruko bwa Kongo ikunze kugirwamwo uruhara n’imirwi y’abarwanyi b’Abarundi.

Leta ya Kongo nshahsa yari yavuze ko ikibazo izokwitaho cane ari gutuza imirwi irwanira mu Buseruko, harimwo RED Tabara na FOREBU y’i Burundi, FDLR y’Urwanda hamwe niyindi mirwi.

 

Recommended for you