NEWS

Kuki abategetsi bamwe bamwe bo mu makomine bariko bakurwa mu mabanga?

on

Muri iyi misi ya vuba, hariko hibonekeza abategetsi bamwe bamwe bo mu makomine bakomborwa mu mabanga yabo maze bagasubirizwa n’abandi bikozwe n’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mu rwandiko rwasohowe n’Ubushikiranganji bw’Itwaro yo hahagti butwarwa na Pasacal Barandagiye, umukuru hamwe n’icegera ciwe b’Inama mpanuzwajambo ya Komine Kiganda mu ntara ya Muramvya baraye bakombowe muri ayo mabanga.

Urwo rwandiko rukamenyesha ko ingingo yari yafashwe n’inama mpanuzwajambo yo gukura mu mabanga Musitanterinwa Komine Kiganda yahagaritswe.

Aba na bariya bakibaza igituma izo nama mpanuzwajambo za komine zifatira ibintu mu buryo maze zikanapanga gukombora na musitanteti w’ikomine asanzwe aserukira umukuru w’igihugu muri iyo komine.

Umwe twegereye turabaza atashatse kwivuga izina yatumenyesheje ko burya abababipfa ari ababisangiye. “Keshi usanga abategetsi bamwe bamwe muri Komine badasangiye imigambwe ya politike maze bagaca batabona kumwe ibintu maze bagacanamwo iyo hageze  amagaburanyama”, niko uwo yatubwiye.

Mwibuke kandi ko na Musitanteri wa komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura aheruka kwirukanwa mu mabanga yiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply