Umuntu umwe yagiye kubwira mugenzi we ati : uzi n’amakuru ibintu nunvise bakuvugako? uwundi nawe ati ? wunvise bavugiki kijanye nanje ? , nuko atangura kumubwira ngo numvise bakuvuga ibi nibi nibi bla bla, wa wundi nawe ati: ” Utaratangura kubimbwira vyose, hari isuzuma rigizwe n’ibice 3 ngomba nkubaze hanyuma rero ubone umbwire ivyo ushaka kumbwira vyose “.
Nuko aratangura ati ica mbere ni “TRUTH ” bishatse kuvuga UKURI. Uzi neza udahengeshanya ko ivyo wunvise bavuga kuri jewe ko uwabikubwiye atakubeshe? Nuko uwundi nawe ati : oya sindabibizi neza kuko nivyo nabwiwe gusa ariko birashobora kuba arivyo batabeshe.
Ica kabiri ni “GOODNESS ” bisigura UBWIZA. Ivyo bintu ushaka kumbarira wunvise nivyiza? canke ni bibi? Uwundi nawe ati : reka reka ni bibi vyambabaje gose, nk’umuntu uri umugenzi kweli vyambabaje cane.
icagatutu ni “USEFULNESS ” AKAMARO ” Ukurikije ivyo bintu uko bimeze urumva ko niyo naza kuvyunva yuko hari akamaro biza kungirira? Urumva hari inyungu nza kubikuramwo? Uwundi nawe ariyunvira ati Oya pe ndibaza ko atakamaro biri bikugirire kuko birababaje !
Wa wundi nawe ati : Kugeza ubu ushaka kumbarira ibintu wunvise bavuga kuri jewe kandi utazi neza nimba uwabikubwiye atakubeshe, ica kabiri ugomba umbwire ibintu uzi neza ko atari vyiza, ica gatatu uzi neza ko niwabimbwira yuko atakamaro biza kungirira. None ubwo urumva ari ngombwa ko ubimbwira? “VYIGUMANIRE”!
Icirwa : Umuntu wese niyaza kukubwira ivyo yunvise bavuga kuri wewe, igihe cose uze ugerageze ureke kumwunviriza kuko akenshi ntaba yavyiyunviriye ngo amenye neza ukuri kwavyo, ikindi naco nuko iyo wunvirije ivyo baza bakubwira bunva bavuga, harigihe nibikorwa vyotuma utera imbere ibiheba kuko uba utanguye kuza urunviriza ibintu bitagufitiye akamaro.