NEWS

Kubera iki Uburundi butitavye uko bikwiye inama y’umutekano y’Ikinshasa ?

By

on

Iyo nama ikaba yabaye mu ndwi iheze ikaba yahuza abakuru b’ibiro vy’iperereza vyo mu bihugu vy’ibiyaga binini. Iyo nama ikaba yaririndiranywe igishika cinshi n’amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU, SADC na CIRGL mu ntumbero yo kugabanya ukutumvikana mu karere.

Ayo mashirahamwe akaba yari yasavye President Tshisekedi ko yogira ibishoboka vyose mu gutumira Uburundi. Uwo nawe akaba yararungitse intumwa i Bujumbura gutumira mugenziwe w’Uburundi nkuko bivugwa n’iradiyo y’abafaransa RFI hamwe n’amakuru ava muri ONU. Mur’iyo nama hakaba hitavye umurundi umwe nawe akaba atashatse kuja muvyo gutanga ivyiyumviro hamwe n’abari bitavye iyo nama. Amakuru ava m’ubakozi b’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU bari batunganije iyo nama bakavuga ko kari akaryo ko kuvuga ingorane ziri hagati y’ibihugu bituranyi kuko Uburundi bwagiriza Urwanda gushigikira ababugwanya.

Nkuko iradiyo y’abafaransa RFI ibandanya ibivuga, Uburundi bwoba bwasivye mur’iyo nama kubera igihugu ca Congo ciyegereje cane muri kino gihe igihugu c’Urwanda. President Kagame Paul akaba aheruka gukomerwa amashi muri stade y’i Kinshasa mu gihe yaraje guhamba se wa President Felix Tshisekedi, umupfasoni wiwe nawe akaba ariko aragendera igisagara ca Kigali. Ariko abajejwe imigenderanire m’Uburundi bakavuga ko atakibazo kihari.

President Paul Kagame afise ibibazo n’ababanyi biwe ashaka kugira ubucuti n’igihugu ca Congo, nkuko bibandanya bivugwa n’iradiyo y’abafaransa RFI.

Recommended for you