INTERNATIONAL NEWS

Kubera Iki Koreya Ya Ruguru Iriko Yiyegereza Koreya Y’Epfo?

on

Kuva muri uyu mwaka wa 2018, igihugu ca Koreya ya Ruguru kiriko kiriyegereza Koreya y’Epfo mu bijanye n’imigenderanire, naho hari haheze imyaka irenga 10 ivyo bihugu bibiri bidafitaniye imigenderanire. Ariko Umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un aheruka kurungika Mushikiwe muri Koreya y’Epfo atwaye ubutumire bwiwe bwo gutumira mugenziwe wa Koreya y’Epfo, Moon Jae-In mu biganiro I Pyongyang.

Ariko rero, umukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo akaba yamenyesheje ko ‘biboneka ko ata mimerere myiza iraboneka yotuma haba inama hagati y’ivyo bihugu bibiri’. Abihweza ibintu n’ibindi mwisi baribaza igituma Kim Jong Un ariko yiyegereza Koreya y’Epfo. Ubwo vyoba ari ibihano ico gihugu cafatiwe kubera ihingurwa n’igeragezwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda bisugereje ico gihugu?.

Ikinyamakuru co muri Koreya yo Ruguru, North Korea Times coco kimenyesha ko nyabuna ‘Kim Jong Un ariko yiyegereza Koreya y’Epfo kubera ugutinya ko Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ahava amutera igitero c’ibanze.
Mu gihe vyari bigizwe imisi bivugwa cane ko Amerika ishobora gukora igitero c’ibanze( co kwitanga umwansi) kuri Koreya ya Ruguru, Leta ya Donald Trump yarabihakanye mu ndwi iheze.

Uwatorotse igihugu ca Koreya ya Ruguru , Ri Jong Ho,yamenyesheje North Korea Times ati: “ Kim Jong Un arafise ubwoba ko Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zizokora igitero co kwivuna umwansi kuri Koreya ya Ruguru, rero ariko agerageza kwicungurira umwanya mu guheraheza neza imigambi yiwe y’ibigwanisho ruhonyanganda na za missiles

Uyo yatorotse igihugu ca Koreya ya Ruguru akaba kandi yamenyesheje ko iterabwoba rya Trump ryo gutera Koreya ya Ruguru hamwe n’utwigoro twa Amerika two gupfunyiranya mu vy’ubutunzi Koreya ya Ruguru vyatanguye kugira ingaruka mbi kuri Koreya ya ruguru.

North Korea Times imenyesha ko ‘bamwe bamwe mu ntwaro ya Donald Trump bamenyesha ko Amerika izokoresha inguvu mu kwishura ku kandi gacokoro ka Koreya ya Ruguru iramutse isubiye kugerageza ibindi bigwanisho ruhonyanganda’.

Recommended for you