Mu cegeranyo c’abahinga ba ONU baheruka gukora baremeza ko hari urwaruka rw’imbonerakure rwagiye muri ” Congo ” aho ngo rwari rufise impuzu za gisirikare hamwe n’ibigwanisho.
Nkuko ano makuru tuyakesha kandi yemezwa ni Radio imwe y’abafaransa ( RFI ) bo bavuga kw’icegeranyo c’abahinga ba ONU ko kigiye gusohoka mu minsi ya vuba, Murico cegeranyo abahinga bakoze ayo matohoza bakaba basaba Leta y’uburundi hamwe niya Congo ko bo kwisigura kubijanye n’urwo rwaruka .
UBM News tubibutse ko nubwo abo bahinga ba ONU bo bemeze yuko hari urwaruka rw’imbonerakure rwagiye muri Congo rufise impuzu za gisirikare hamwe n’ ibigwanisho, Leta y’uburundi yo yagumye ibihakana ndetse nubu ikaba itavyemera.