Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsKuba uburundi butashoboye kuduza igitoro biri mu biriko bituma gikena cane (Umushikiranganji...

Kuba uburundi butashoboye kuduza igitoro biri mu biriko bituma gikena cane (Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye)

Umushikiranganji w-amasoko ntanga nguvu asigura ko kubona Leta y-uburundi itashoboye gufata ingingo yo kuduza igiciro c-ibitoro biri mu biriko bituma ico gitoro gikena mu gihugu. Ibrahim Uwizeye yabivuze kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Gitugutu 2021 igihe yari yatumweko n-abakenguzamateka kugira asigure igituma igitoro kiguma kibura mu gihugu. Umushikiranganji w-amasoko ntanga nguvu asigura ko igitoro caduze ku masoko mpuzamakungu  ko mbere n-ibihugu bibanyi vyamaze kukiduza .Image

Kubwa Ibrahim Uwizeye, ngo mu Burundi ntibarafata ingingo yo kukiduza  kubw-urukundo bafitiye  abanyagihugu.  Yabivuze uku imbere y-abashingamateka :ˮ…Ntaco tutariko turakora kugira abenegihugu boroherwe. Nobamenyesha ko hari ibisata  bimwe bimwe twahevye gutoza amatagisi  ku buryo ku kwezi ubu ndiko ndavuga turiko duhomba imiriyaridi zitatu z-amarundi. Kugira igitoro kigume kwa ya prix à la pompe i bujumbura. Nkubu tukidugije nkuko vyakozwe mu bihugu bibanyi ndazi hariho ibindi bidandazwa vyoca biduga kubera ico gitoro aha twovuga ibiharage gushika ku munyu, gushika ku ma deplacement mubona‟

Abajijwe ku kibazo kijanye n-ububiko bw-integabizoza bw-igitoro ko buhari, Ibrahim Uwizeye asa nuwabuze inyishu atanga kw-ico kibazo .  Yishuye abashingamateka uku :ˮ. ntabwo ama réservoir tuvuga ubu asanzwe ahari  muga turiko turiga ukuntu tushiraho stock strategique y-igitoro. Ubu nobabwira ko le stock yoba iri carrément yaraheze‟

 

 

Must Read