Umushikiranganji w-amasoko ntanga nguvu asigura ko kubona Leta y-uburundi itashoboye gufata ingingo yo kuduza igiciro c-ibitoro biri mu biriko bituma ico gitoro gikena mu gihugu. Ibrahim Uwizeye yabivuze kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Gitugutu 2021 igihe yari yatumweko n-abakenguzamateka kugira asigure igituma igitoro kiguma kibura mu gihugu. Umushikiranganji w-amasoko ntanga nguvu asigura ko igitoro caduze ku masoko mpuzamakungu ko mbere n-ibihugu bibanyi vyamaze kukiduza .
Kubwa Ibrahim Uwizeye, ngo mu Burundi ntibarafata ingingo yo kukiduza kubw-urukundo bafitiye abanyagihugu. Yabivuze uku imbere y-abashingamateka :ˮ…Ntaco tutariko turakora kugira abenegihugu boroherwe. Nobamenyesha ko hari ibisata bimwe bimwe twahevye gutoza amatagisi ku buryo ku kwezi ubu ndiko ndavuga turiko duhomba imiriyaridi zitatu z-amarundi. Kugira igitoro kigume kwa ya prix à la pompe i bujumbura. Nkubu tukidugije nkuko vyakozwe mu bihugu bibanyi ndazi hariho ibindi bidandazwa vyoca biduga kubera ico gitoro aha twovuga ibiharage gushika ku munyu, gushika ku ma deplacement mubona‟
Abajijwe ku kibazo kijanye n-ububiko bw-integabizoza bw-igitoro ko buhari, Ibrahim Uwizeye asa nuwabuze inyishu atanga kw-ico kibazo . Yishuye abashingamateka uku :ˮ. ntabwo ama réservoir tuvuga ubu asanzwe ahari muga turiko turiga ukuntu tushiraho stock strategique y-igitoro. Ubu nobabwira ko le stock yoba iri carrément yaraheze‟