NEWS

Koweit Yatanze Imiliyoni 15 $ Ku Burundi Yo Gusanura Ibarabara.

on

Igihugu ca Koweit casinye amasezerano n’uburundi aho ico gihugu cemeye gutanga ingurane y’imiliyoni 15 z’amadolari y’Abanyamerika ku Burundi( hafi imiliyari 50 y’amarundi kubwo gusanura ibarabara rimeze nabi cane ubu rya Rumonge-Nyanza Lac, navyo bikaba vyakozwe na KFAED( The Kuwait Fund for Arab Economic Development).

Ku makuru KUNA News( Kuweit News Agency) imenyesha, ayo masezerano yo gutanga iyo ngurane akaba yasinywe hagati ya KFAED na leta y’Uburundi iserukiwe na Domitien Ndihokubwayo.

Iryo tangazo rikaba ryasohotse ku musi wa mbere aho ivyo bihugu bibiri vyasinya amasezerano yo kugwiza amabarabara ameze neza kubera ari inkenero yihuta cane mu Burundi.

Ibarabara rya Bujumbura-Nyanza Lac rikaba ryari rimeze nabi cane. Ubu igice caryo ca Bujumbura-Rumonge kikaba cararonse naco imfashanyo yo kurikora. Ni inkuru nziza rero ku bakunda gufata urugendo muri iryo barabarabara rya Bujumbura-Nyanza Lac.

Recommended for you