INTERNATIONAL NEWS

Koreya ya Ruguru Yigije Inyuma Ivyo Gutera Izinga Rya Guam Rya Amerika.

on

Inyuma y’aho habaye intambara y’amajambo idasanzwe mu misi iheze hagati ya Kim Jong Un na Donald Trump, ubu mwiyi ndwi bisa nuko habaye agahengwe hagati ya Koreya ya Ruguru na Amerika.

Mu gihe Donald Trump yari yamenyesheje ko Koreya ya Ruguru ‘yohuye n’umuriro n’Uburake’ mugihe yotera missile yerekeza ku butaka bwa amerika, umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, kim Jong Un, yaraye amenyesheje ko ‘yigije inyuma ivyo gutera missiles zine mu micungararo ya Guam’, inyuma yaho abimenyeshereje mu ndwi iheze.

Izinga rya Guam riri nko ku bilometero 3500 uvuye muri Koreya ya Ruguru.

Ejo ku musi wa mbere, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, James Mattis, yari yamenyesheje ko igitero ico arico cose ca Koreya ya Ruguru cerekeza kwizinga rya Guam “vyovamwo intambara aho nyene bukwi na bukwi”; aho yanamenyesheje ko ‘ingabo za amerika ziteguye guca zisubiza mu kanya gato’.

Soma kandi: Imvugo Z’Intambara Hagati ya Donald Trump na Kim Jong Un

Izinga rya Guam, riri muri Pacifique,rirahambaye cane kuri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubera hariyo ikambi ya gisirikare ikomeye ya Amerika, Anderson Air base, hakabayo na ca Cuma gifasha mu gukorora ama missiles( THAAD), hamwe n’indege zo kurandura za Amerika( Heavy Bombers). Iryo zinga rikaba rifise abantu bashika kuri 160 000.

Kim Jong Un yabonetse ejo ariko asuzuma intonde za Gisirikare yashikirijwe zo gutera izinga rya Guam.

Mw’itangazo kim Jong Un yasohoye risomwa n’ikinyamakuru ca leta KCNA, Koreya ya Ruguru ivuga ko yabaye irahagarika ivyico gitero kugira yihweze ivyo Amerika ikora mu kubita abasazi, mu kuvuga ko “hagomba kurabwa ivyo abasazi b’abanyamerika bakora”. Naho biri uko, Ubushinwa bwaheruka kumenyesha ko ‘buzoguma ataho buhengamiye mu gihe Koreya ya Ruguru yosomborotsa Amerika, ariko ko mu gihe Amerika na Koreya y’Epfo botera Koreya ya Ruguru, Ubushinwa bwoca bujamwo bukababuza’.

Ivyo Koreya ya Ruguru irindiriye kuraba ku Banyamerika naho bitavuzwe, biragaragara ko Kim Jong Un agomba kuraba ko Amerika na Koreya y’epfo bakora imyimenyerezo ya Gisirikare yama yabaye buri mwaka muri koreya y’epfo. Iyo myimenyerezo ikaba itegekanijwe kuba itariki 21 myandagaro 2017. Mukamenya ko iyo myimenterezo ya gisirikare hagati ya Amerika na Koreya y’Epfo ko kwitegurira gutera ico gihugu ca Koreya ya Ruguru.