NEWS

Koreya ya Ruguru ‘Yatewe Ubwoba’ N’Indege za Amerika Zirasa Bombe Igihe Zagenzura Ikirere C’Ico Gihugu.

on

Indege za Amerika zitwa B-1 Lancer

Igihugu ca Koreya ya Ruguru cagiriza igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika gutuma izinga rya Koreya ryinjira mu ntambara y’ibigwanisho ruhonyanganda bivanye nibikorwa vyakozwe ejo ku musi wa mbere n’indege za Amerika zirasa bombes mu karere ka Koreya ya Ruguru.

Ico gihugu ca Koreya ya Ruguru kivuga ko izo ndege zirasa bombes za Leta Zunmze Ubumwe za Amerika zakoze” imyimenyerezo yo kurasa amabombes yo mu bwoko bwa ‘nucleaire’ mu bice bikomeye” vy’igihugu ca Koreya ya Ruguru.

Ubutegetsi bwa Koreya y’Epfo bwatangaje ko indege zibiri zirasa bombe (bombardiers) zagenzuye ikirere cya Koreya ya Ruguru zigenzura nimba hari ibikorwa vyo gusotorana ico gihugu kiriko kirategura.

Nkuko Radio Ijwi rya Amerika ryabitangaje,izo ndege zo mu bwoko B1-B Lancer zaheraheje ico gikorwa ziri kumwe n’indege z’intambara za Koreya y’Epfo hamwe n’iz’Ubuyapani.

Indege B-1 Lancer iriko irekura Bombes

Itangazamakuru rya Koreya ya Ruguru(KCNA) ryavuze ko abategetse ico gikorwa bagiye gutuma akarere kose k’izinga Rya Koreya kinjira “mu ntambara y’ibigwanisho ruhonyanganda”.

Umukuru w’Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, Donald Trump, ejo yamenyesheje ko ‘yipfuza kubonana na Kim Jong Un, umukuru wa Koreya ya Ruguru, “ariko mu mirere kanaka”, ivyatumye Koreya y’Epfo itangazwa niyo mvugo ya Trump.

Donald Trump yabwiye ikinyamakuru Fox News ko igeragezwa rya misile rikorwa na Koreya ya Ruguru ryotuma’haba ingorane zidasanzwe’.

Recommended for you