INTERNATIONAL NEWS

Koreya ya Ruguru Yasubiye kugaragara ko iriko ‘inagura umugambwi wayo w’ibigwanisho ruhonyanganda’.

on

Inyuma y’umubonano wabaye hagati ya Donald Trump na Kim Jong Un wabonwa na benshi ko ikibazo ca Koreya ya Rugutru ku bijanye no kurangiza ibigwanisho vyayo vya ruhonyanganada, ubu nyabuna bikaba bamaze kugaragara ko vyafashe iyindi sura.

Mu misi iheze, Donald Trump akaba yamenyesheje ko Koreya ya Ruguru ’ikiri intamabamyi n’akaga kuri leta Zunze Uumwe za Amerika’ maze afata ibihano kuri ico gihugu bishoborea kumara umwaka wose; ivyatangaje abatari bake mu bihweza ibijanye n’imigenderanire.

Ikimissile ciyumvirwa ko gishobora kugenda ibilometero 8000 kandi kigashikira ubutaka bwa Amerika

Mu makuru ashirwa ahabona na North Korea Times, amenyesha ko guhera ku wa 21 Ruheshi 2018, amasanamu ya satellite agaragaza ‘ibikorwa bidasanzwe mu bibanza Koreya ya Ruguru yakoreramwo igeragezwa ry’ibisasu vya ruhonyanganda, harimwo ugusanura no mu gusubiramwo mu buryo bugezweho ibijanye n’ivyo bibanza vyo guhingura no kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda’.

Naho Amerika na Koreya ya Ruguru basa n’abari bagiraniye amasezerano yo kurabana ryiza, biragararagara ko nyabuna ivyo bihugu uko ari bibiri biriko birakora birabana ku jisho ata kwijajara, ‘kuko uwutambana na mukeba adakubita urugohe’.

Recommended for you