INTERNATIONAL NEWS

Koreya Ya Ruguru Yashavujwe N’Ibihano Vya ONU Bishigikiwe na Amerika.

on

Inama y’Umutekano ya ONU igizwe n’ibihugu 15,harimwo n’Ubushinwa n’Uburusiya, iheruka kwemeza ijana kwijana ibihano bikaze ku gihugu ca Koreya ya Ruguru kubera igeragezwa rya Missiles ico gihugu kibandanya.

Ivyo bihano bikaba bizotuma Koreya ya Ruguru yugarirwa imiryango ku bijanye n’urudandazwa rwo hanze y’igihugu, maze amafaranga ico gihugu cinjiza ku mwaka yashika imiliyaridi zirenga 3 z’amadolari yakoreshwa mu butunzi bwigihugu abura.

Inyuma y’ivyo bihano ‘bikomeye’,igihugu ca Koreya ya Ruguru nticatevye kuvyiyamiriza ko biza bihonyanga ubwigenge bwico gihugu. Kubera ko ivyo bihano bikaze vyaje bishigikiwe cane na Amerika, Koreya ya Ruguru yatangaje ko ‘Leta Zunze Ubumwe zihenda zibaza ko ata kaga kahari ngo nuko ziri hakurya y’amabahari’.

Koreya ya Ruguru ngo ibigwanisho ruhonyanganda n’ivyo ‘gutera Amerika’.

Mu nama abategetsi ba Aziya y’Ubuseruko barimwo mu gihugu ca Phillipines, mu gisagara ca Manilla,Umushikiranganji w’imigenderanire nayandi makungu wa Koreya ya Ruguru yatangaje ati: “Ibigwanisho vyacu ruhonyanganda nta ntumbero dufise yo kubitera ku gihugu na kimwe,ahubwo nivyo tuzotera kuri Amerika bivanye na politike y’urwanko kuri Koreya ya Ruguru”.

Ivyo biri uko mu gihe Ubushinwa, igihugu somambike na Koreya ya Ruguru, bwagabishije Koreya ya Ruguru kudasotora amakungu ku birwanisho vyayo ruhonyanganda.

Hagati aho, Umunyamabanga wa USA, Rex Tillerson, mu nama arimwo i Manilla,amenyesha ko Amerika yiteguriye kuganira na Koreya ya Ruguru mu gihe yohagarika ivyo guhingura ibigwanisho ruhonyanganda.

Koreya ya Ruguru ikaba imenyesha ko itazopfa igiye mu biganiro na Amerika ku vyerekeye guhagarika ivyo vyibigwanisho, ikavuga ahubwo ko arivyo ‘kwivuna umwansi’ ariwo Amerika.

Uko biri kwose,ikibazo ca Koreya ya Ruguru kigezekigeze habi cane ku buryo abihweza ibintu n’ibindi bamaze gutangaza ko hashobora kwaduka intambara ya gatatu y’isi yose kandi simusiga.

Recommended for you