INTERNATIONAL NEWS

Koreya Ya Ruguru Yahindukiriye Antonio Guterres.

on

Inyuma y’aho Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, atangarije ko ibihano bifatirwa igihugu ca Koreya ya Ruguru ko bikenewe cane kandi bigashirwa mu ngiro mu buryo bwuzuye, Igihgu ca Koreya ya Ruguru nticatevye gusubira gutangura kandi intambara y’amajambo n’uwo mutegetsi akomeye kw’isi, hampande y’iyari ihasanzwe hagati ya Koreya ya Ruguru na Leta zunze ubumwe za Amerika.

Ubuserukizi bwa Koreya ya Ruguru muri ONU bwasohoye ejo itangazo rivuga ko ico gihugu cagiriza Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres kuba “ umukozi aserukira Leta zunze Ubumwe Za Amerika mu bikorwa bibi”. Koreya ya Ruguru ikaba yiyamiriza ico yita “amajambo adacungerewe” ya Antonio Guterres yavugiye i Munich mu Budagi mu ndwi iheze.

Guterres akaba yarakengurukiye cane Inama y’Umutekano ya ONU kuba yarashoboye gushiraho “ibihano bigira ico bikoze mu gukonya Koreya ya Ruguru”. Guterres yari yamenyesheje ati: “Ku bwanje, mbona ko ibihano [bishirirwaho Koreya ya Ruguru] ari vyo bikenewe cane kandi bikagumizwaho”.

Nk’uko North Korea Times ibishira ahabona, itangazo ry’ico gihugu ryejo ku wa gatanu 23 Ruhuhuma 2018 ryavuze riti: “ Ibi nta kindi atari amayeri navyo bitabereye ibanga ryiwe ryo kuba Umunyamabanga mukuru wa ONU, kandi atuma twibaza ko ari ari umukozi wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika aserukira mu bukozi bw’ikibi.

Koreya ya ruguru ikaba isaba ko Umunyamabanga mukuru wa ONU yohagarika iyo ngendo yiwe yiswe nko ‘gusinzira uriko uratambuka’ ya Guterres. Ibihano vyafatiwe Koreya ya Ruguru biyigeze aho umwansi ashaka nk’uko abihweza ibintu n’ibindi bavyerekana.

Recommended for you