INTERNATIONAL NEWS

Koreya ya Ruguru yagerageje ‘igisasu gikomeye’.

on

Igihugu ca Koreya ya Ruguru casubiye ingendo yaco yo kugerageza umugambi waco wo kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda inyuma y’aho umkuruu w’ico gihugu ca Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un abonanniye na mugenziwe wa Amerika incuro zibiri.

Ico gisasu kikaba carashwe na Koreya ya Ruguru ejo ku musi wa gatatu itariki 17 Ndamukiza 2019.

Incuro ya kabiri Donald Trump yabonaniye na Kim Jing Un ni muri Vietnam ariko ivyo biganiro bikaba vyaheze ata gishitsweko kubera ko Koreya ya Ruguru yasavye ko ico gihugu cokurwako ibihano na Amerika, ariko Trump akaba yaravyanse.

Ikinyamakuru ca Koreya ya Ruguru, KCNA, camenyesheje ko Koreya ya Ruguru yagerageje ‘igisasu gikomeye cane’ kugira ngo ‘ingabo zico gihugu zame zigavye’.

Ivyo bibaye inyuma yaho ico gihugu gitanze ikiringo co gushika mu mpera z’uyu mwaka wa 2019 kugira amerika yisubireko, bitegenze neza naho hama Koreya ya Ruguru isubire ifate ingingo yayo.

Igihugu ca Koreya y’Epfo kikaba camenyesheje ko bitagagaraye ku ma radars yico gihugu ko Koreya ya Ruguru yoba yagerageje missile naho ari igisasu gikaze.

Abihweza ibintu barabona ko Kim Jong Un yasubiye gufata ingingo yo guhangana na Donald Trump, ibishobora gushikana ku gutana mu mitwe.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.