INTERNATIONAL NEWS

Koreya ya Ruguru Ivuga ko Igendereza Rya Amerika CIA Rifise Umugambi Wo Kwica Kim Jong Un

on

Ibinyamakuru vyo mu Gihugu ca Koreya ya Ruguru vyamenyesheje ko Abasirikare bo ku gwego rwo hejuru ba Amerika hamwe nabo muri Korea y’Epfo bariko barapanga umugambi wo kwica Umukuru w’Igihugu ca Koreya ya Ruguru Kim Jong Un.

Amakuru ava mu Bushikiranganji bw’umutekano bwa Koreya ya Ruguru avuga ko abantu b’inkozi zibibi zifashwe mu mugongo n’Igendereza rya Leta Zunze Ubumwe Za Amerika CIA( Central Intelligence Agency) hamwe n’Igendereza rya Koreya y’Epfo, ko zinjiye mu gihugu ca Koreya y’Epfo bafise ikigwanisho gikomeye co mu bwoko bw’Ubumara( Arme Biochimique).

Ayo makuru nyene ava mu gihugu ca Koreya ya Ruguru amenyesha ko Koreya ya Ruguru izokora umusako ukomeye kugira uyo mugwi ufatwe kandi ukazokwicwa ata mpuhwe.
Koreya ya Ruguru ivuga ivyo mu gihe habandanije kuba uruhagarara rudasanzwe mwizinga rya Koreya.

Kim Jong Un, Umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru

Nkuko tubikehsa BBC, Iyo nkuru yasohowe mu kinyamakuru ca Koreya ya Ruguru KCNA ivuga ko uwo mugambi wo kwica Kim jong Un ujanye no gukoresha” Ikigwanisho co mu bwoko bw’ubumara( Arme Biochimique) hamwe n’imishwarara ikaze kandi y’ubumara”.

Ibizova mwico gitero nkico bizotangura kumenyeskana inyuma y’amezi atandatu gushika kuri 12,niko iyo nkuru iva muri Koreya ya Ruguru ivuga.

Ivyo biri uko mugihe hakomeje kuba intamabara y’amajambo hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru aho abashakashatsi bavuga ko Koreya ya Ruguru yoba iriko yitegurira gukora irindi geragezwa rya missile rigira gatandatu.

Amerika ikaba imaze gushikana mu mazi ya Koreya Ubwato bukomeye butwara Indege z’intamabara Carl Vinson hamwe n’ubundi bwato bukomeye buca munsi y’amazi.Koreya ya Ruguru ikavuga ko yiteguriye kugwana na Amerika “mu bwoko bw’intamabara iyo ariyo yose Amerika yipfuza”.

Recommended for you