INTERNATIONAL NEWS

Koreya Ya Ruguru Iremeza ko Yakoze ‘Igeragezwa Rya Missile Nshasha’ Itari Bwaje Ahabona

By

on

Igihugu ca Korea ya Ruguru carasubiye kugerageza iyindi missile ballistike ejo ku musi wa mungu.

Koreya ya Ruguru yavuze ko “missile” yagerageje ku munsi wa mungu ari ubundi bwoko bwa “rocket” ishobora gutwara ikigwanisho kinini ca “nucléaire”.

Iyo “missile” yashitse ku 2000 km mu kirere ku rugendo rwi 700 km imbere yuko igwa mu kiyaga mu burengero bw’Ubuyapani.

Korea ya Ruguru yavuze kuri uyu musi wa mbere ko yariko irihweza ubushobozi bwa “missile” nshasha ishobora kugera kure.

Igisirikare ca Korea Yepfo kivuga ko kidashobora guhinyuza ayo makuru ariko cemeza ko “missiles” za Korea ya Ruguru zishobora kugera kure cane mu kirere (athmosphère) ari navyo bikenegwa igihe umuntu aba ashaka gukora “missiles” ziva ku mugabane zigashika ku wundi, niko itororokanirizo ry’amakuru Yonhap ryavuze.

Abahinga bakaba bagize imisi bafise asmakenga ko Koreya ya ruguru ishobora gukora missile ishobora gushikira ubutaka bwa Amerika, ariko igisasu yaraye irungitse cagiye 4300 kmk hafi ica kabiri c’uburebure kugira gishikire ubutaka bwa Amerika. Ico gisasu kikaba gishobora gushika ku cicaro ca gisirikare ca Amerika kiri mwizinga rya Guam ku 4500 km.

Ico gisasu kikaba caguye mu mazi y’Ubuyapani hafi cane y’igihugu c’Uburusiya; ivyo bikaba vyatumye Uburusdiya vyiyamiriza iryo geragezwa.

Bikaba vyatumye Ibihugu vya Amerika, ubuyapani, Koreya y’Epfo , Ubushinwa hamwe n’Uburusiya biyamiriza iyo ngendo y’igihugu ca Koreya ya Ruguru.

Recommended for you